Ntumwa y’Imana! No mu vyemeza ko uri Intumwa vy’ukuri, ni uko utigeze usoma igitabu canke ngo wandikishe iminwe yawe n’urudome na rumwe imbere yuko uhishurirwa Qor’ani. Iyo biba bitari ukwo, abahakanyi bari guheza bakagira amakenga ko Qor’ani wayize canke wayabuye mu Bitabu vyo hambere yawe.