Ntumwa y’Imana! Soma ivyo wahishuriwe muri Qor’ani uheze ubigendere; utsimbataze n’isengesho rikwije ibisabwa ku mwanya waryo; mu vy’ukuri, itsimbatazwa ry’isengesho rikwije ibisabwa, rikingira umuntu kugwa mu bicumuro n’ivyaha1; ni ukuri, itazira n’ininahazamana mw’isengesho no mu bindi bihe, rirahambaye cane gusumba vyose. Burya Imana Allah, Irazi neza ivyo mukora; vyaba vyiza canke bibi, Izobibahembera.