Igihe rero Intumwa zacu z’abamalayika zaca kwa Ibrahimu, zimuzaniye inkuru nziza yuko umukenyezi wiwe Sarah azokwibaruka umwana w’umuhungu yitwa Is-haka, azoheza akamuvyarira umwuzukuru yitwa Yakubu mwene Is-haka, zamubwiye ziti: “Mu vy’ukuri, twebwe twaje guhonya agacimbiri ka Saduma k’abantu ba Luutwi; mu vy’ukuri abantu bo muri nya gacimbiri, bari birenganije mu gukora icaha c’agahomerabunwa”;