Bantu! Muramutse muhakanye mwivuye inyuma Intumwa Muhamadi (nyakugira amahoro n’impuhwe z’Imana Allah) ku mvo z'uko ibararikira isengwa ry’Imana Imwe Rudende Allah, ni ukuri n’imigwi y’abantu bo hambere yanyu, yarahakanye yivuye inyuma Intumwa yarungikiwe, maze irabihanirwa. Burya, nta kindi Intumwa ijejwe na canecane atari ugushikiriza ubutumwa mu buryo butomoye, kandi Intumwa Muhamadi (nyakugira amahoro n’impuhwe z’Imana Allah) yarabigize.