Imana Allah, ni Yo Yabaremye mukurakuranwa kw’isi, Ibashinga gutunganya ivy’isi mwubahirije amabwirizwa yayo, Iraheza Irabasumbasumbanya mu kubaronsa ibibabeshaho no mu kubaremana imirya, kugira Ibagerageze mu vyo Yabaronkeje. Mu vy’ukuri, Imana yawe Rurema Allah Iranyarutsa guhana abagarariza bagabitanya. Ni ukuri, ni na Yo Nyenimbabazi-ntangere ku bigaya, Nyenimbabazi ku batoni bayo.