No kugira rero ntimuzovuge mwiyeza muti: “Iyo tuja kumanurirwa Igitabu, ni ukuri twari kuba abagororotsi kurusha abayahudi n’abanaswara”. Bantu rero mwarungikiwe Intumwa Muhamadi (nyakugira amahoro n'impuhwe z'Imana Allah)! Ni ukuri mwaramaze gushikirwa na Qor’ani, ari na co cemezo kivuye ku Mana yanyu Rurema Allah, ikaba n’uburongozi n’impuhwe kuri mwebwe. Nta n’umwe rero arenganya akimonogoza gusumba uwahakanye yivuye inyuma Aayah n'ivyemezo vy’Imana Allah akanavyirengagiza. Twebwe Allah, Tuzoha abirengagije Aayah n'ivyemezo vyacu ibihano ruhasha, bitewe n'ukuntu bahora bavyirengagiza bakanaburagiza abantu gukurikira inzira yacu.