Ntumwa y’Imana! Vuga uti: “Nta kintu nsanga kiri mu vyo nahishuriwe kizira gufungura mu vyo muziririza mu bitungwa, kiretse mu gihe coba ari intumvyi, ari ikiremve1, ari inyama y’ingurube isanzwe mu vy’ukuri ihumanye, canke kikaba ari icakerewe ku bw’ikitari Imana Allah2. Uwo bizoba ngombwa rero ko afungura kuri ivyo biziririjwe mu gihe ageramiwe n’inzara, atari ku mvo zo kuryoherwa canke kurenza urugero rwo kwivuna inzara, mu vy’ukuri Imana Allah ni Nyenimbabazi-ntangere ku bigaya, Izomubabarira, Nyenimbabazi ku batoni bayo3”.