Imana Allah ni Yo Yaremye amashamba, muri yo hari ay’ibirandaranda hejuru bikaba nk'igisenge; nka kurya kw’imizabibu; hakaba n’ay’ibitarandaranda hasi bihagaze ku gitumbatumba nk’ibiti vy’itende, n’ibindi biterwa bifise akanovera gatandukanye; hari n’imizayituni n’imikomamanga, usanga amababi yavyo asa, ariko bitandukanye mu ndemo, ibara n’akanovera k’ivyamwa. Bantu! Nimufungure rero ivyamwa vyavyo igihe vyamye, muheze munatange ishikanwa-bwirizwa ryavyo ku musi wo kwamura canke wo gusoroma; kandi rero ntimuzosesagure mu kurenza urugero rw’ibitangwa mw’ishikanwa-bwirizwa canke mu gufungura, n’ibindi. Mu vy’ukuri, Imana Allah ntikunda abasesagura mu gutanga amatungo mu bidakenewe.