Ni nk’uko nyene rero shetani - yoheje ababangikanyamana kugena umugabane w’Imana Allah n’uw’ibigirwamana - yaryohereje benshi mu babangikanyamana kwica abana babo ku mvo zo gutinya ubukene, kugira bagwe mu bihano bihonya vyo kwica kiremwa-muntu ku karenganyo, no kugira bazazanirwe mw’idini ryabo, baheze bahube. Iyo Imana Allah Ishaka rero ko bitaba, ntibari kuzazanirwa namba mw’idini ryabo, kuko Izi mu vyagezwe ububegito bwabo. Ntumwa y’Imana! Bareke rero n’ivyo barementanya, Imana Allah Izorubacira.