Iyo ababangikanyamana b’i Makka bashikiriwe n’icemezo kigaragara cerekana ko Muhamadi (nyakugira amahoro n’impuhwe z’Imana Allah) ari Intumwa y’ukuri, bamwe mu ndongozi zabo baca bavuga bati: “Ntituzokwigera twemera ubutumwa bwiwe gushika Imana Allah Itugize intumwa, Inaduhe n’ibitangaro nk’ivyo Yahaye Intumwa zayo z’aho hambere”. Burya Imana Allah, ni Yo Izi neza uwo Ikwiye gushinga ubutumwa bwayo. Inkozi z’ikibi zizosuzugurika imbere y’Imana Allah, zinahabwe ibihano ruhasha, bitewe n’ubwononyi zahora zikora bwo kurwanya idini.