Mbega burya akarorero k'umuntu w'igipfamutima ajuragirika mu muzimagiza w'ubuhuvyi, maze Tukamuha ubuzima bw’umushaha akemera, akanakurikira n’Intumwa zacu, Tukamuha n’umuco w’ubugororotsi, ni nk’ak’uwuri mu muzimagiza w'ubuhuvyi butagira uko busa, adashoboye kubuvamwo, ata ni co bumukuramwo! Eka abo nta ho basa basana namba! Ni nk’ukwo nyene rero abagararije baryoherejwe ivyaha bahora bakora kugira bazobihanirwe.