Bislamu! Ntimugafungure rero inyama z’ivyakerewe hatabanje kuvugwa izina ry’Imana Allah1. Mu vy’ukuri, ukuzifungura ni ubutumva bwo kurenga ku mabwirizwa y’Imana Allah. Mu vy’ukuri, intumva mu majini, ni ukuri zosha abahagarikizi bazo mu ntumva z’abantu gukora ibitera amakenga mu gufungura intumvyi, kugira zibaharirize ku vyerekeye iyo ngingo2. Nimwaramuka rero muzumviye mu kuzirura ivyaziririjwe, ni ukuri muzoba ababangikanyamana nkabo.