Ijambo ry’Imana yawe Rurema Allah rya Qor’ani, riratunganye mu gushikiriza ukuri mu mvugo n’ingiro no mu ngingo zayo, nta woshobora guhindura na kimwe mw’ijambo ryayo, ni na Yo rero Nyenukwumva, Irumva ivyo muvuga; Nyenubumenyikurivyose, Irazi ivyo muhisha mu mishaha yanyu.