Ntumwa y'Imana! Iyo Twemerera ababangikanyamana ivyo basavye Tukabamanurira abamalayika bavuye mw’ijuru, Tukanazura n’abapfuye bakemeza ko uri Intumwa vy’ukuri, Tukanabegeraniriza ivyo basavye vyose mu bitangaro bakabibona imbona nkubone, ntibari kwemera ivyo ubararikira, ntibari no kuvyubahiriza namba kiretse uwo Imana Allah Ishatse muri bo ko arongoka, ariko abenshi muri bo ntibazi ukuri waje ukuye ku Mana Allah.