Muvugishwamana! Ibuka n’igihe Twebwe Allah, Twafata ku Bavugishwamana isezerano ryabo ko bazoshikiriza ubutumwa nk’uko baburungikanwe, Turaheza Dufata nya sezerano nyene kuri wewe, kuri Nuhu, kuri Ibrahimu, kuri Musa no kuri Isa mwene Mariyamu1. Kuri abo bose rero, Twafashe isezerano riremereye ryo gushikiriza ubutumwa ata guhigimanga, no kwitsanya ata kuvuguruzanya.