Umuvugishwamana Muhamadi (nyakugira amahoro n’impuhwe z’Imana Allah), akwiye kwitwararikwa n’abemeramana mu bijanye n’idini n’ubuzima bwo kw’isi, kurusha uko bitwararika ubuzima bwabo. Abakenyezi biwe na bo, ni ba kizira ku bemeramana nka ba nyina babavyara; ntibarekuriwe kubabira mu nyuma yiwe1. Incuti zisangiye amaraso mu bislamu, ni zo zikwiye gutorana hagati yazo hisunzwe ingingo z’Imana Allah ziri mu Gitabu, ha gutorana hagati y’abislamu hisunzwe ubucuti bushingiye ku kwemera no ku kwimukira i Madina2; kiretse mu gihe mwoshima guha ku bisigi abo mudasangiye amaraso mu bislamu ku bugwaneza. Iyo ngingo rero, yaramaze kwandikwa mu vyagezwe n’Imana Allah mu Gitabu nyezina canditswemwo ivyagezwe n’ishirwa mu ngiro ryavyo “Lawhu Mahfuudhw”.