Ni ho rero Abasaba-i birengagiza amabwirizwa no gushimira Imana Allah, barahakana bivuye inyuma Intumwa zayo, Duca Tubarungikira imyuzurire isenyura rwa rugomero, ihitana na ya mirima ibiri itotahaye, ahari nya mirima Tuhasubiriza iyindi mirima ibiri imera ivyamwa vy’umururazi binuka kubi, irimwo n’ibiti vy’inkokore bitagira ivyamwa namba, hamwe rero n’ibiti bike vya Sidiri bifise amahwa menshi.