Iyo umuntu akozweko n’ivyago, aca yibuka Imana yiwe Rurema Allah, maze akayisaba ayitakambira ngo Ibimukureko; Igize ngo Iramwumviye mu kubimukurako, Ikamuha inema zayo, aca yibagira ibisabisho yahora agira, agaheza akayibangikanya n’ibigirwamana, kugira ahubishe abantu inzira y’ukwemera n’iy’igamburukiramana. Ntumwa y’Imana! Vuga uti: “Ryoherwa gato n’ubugarariji bwawe gushika upfe, wewe mu vy’ukuri, uri mu bantu bo mu muriro udahera”.