Ingia
Ingia
Ingia
Chagua Lugha

At-Tawba 9:57 لو يجدون ملجا او مغارات او مدخلا لولوا اليه وهم يجمحون ٥٧

Ukurasa 196 · Juzuu 10

لَوۡ
يَجِدُونَ
مَلۡجَـًٔا
أَوۡ
مَغَٰرَٰتٍ
أَوۡ
مُدَّخَلٗا
لَّوَلَّوۡاْ
إِلَيۡهِ
وَهُمۡ
يَجۡمَحُونَ
٥٧
Ziramutse zironse ubuhungiro canke inzitiro ntamenwa zohungiramwo, isenga ry’ibuye canke umwobo zonyegeramwo, zogenda nk’umuravyo zikabahunga.
reading-goal:continue-reading

Soma q-and-a.tafsir

Ibn Kathir (Abridged)

Exposing Hypocrites' Fright and Fear

Allah describes to His Prophet the fright, fear, anxiety and nervousness of the hypocrites,

يَحْلِفُونَ بِاللَّهِإِنَّهُمْ لَمِنكُمْ

(They swear by Allah that they are truly of you), swearing a sure oath,

وَمَا هُم مِّنكُمْ

(while they are not of you), in reality,

و
…

Exposing Hypocrites' Fright and Fear

Allah describes to His Prophet the fright, fear, anxiety and nervousness of the hypocrites,

يَحْلِفُونَ بِاللَّهِإ
…
Tazama tafsirs

Soma related-content

49. Muri izo ndyarya rero, harimwo uwugusaba uburenganzira bwo kutaja ku rugamba, maze akavuga ati: “Ntungerageze ku vyo ntokwihanganira mu guhura n’abakenyezi mu nzira!”. Bantu mwumve mwumvireho! Indyarya zaramaze kugwa mw’igeragezwa rihambaye ry’uburyarya. Mu vy’ukuri, umuriro wa Jahannamu urakikuje abagarariji, nta wuzocaruka; 50. Muvugishwamana! Ushikiwe n’iciza kirazituntuza. Ushikiwe n’ikibi naho zica zivuga ziti: “Ntuze! Twebwe turi abanyabwenge, twabimenye kare turikingira mu kutajana na Muhamadi”, maze zigahindukira zinezerejwe n’ivyagushikiye. 51. Muvugishwamana! Bwira izo ndyarya uzihaniza uti: “Nta kizodushikira kiretse ico twandikiwe n’Imana Allah mu vyagezwe ko kidushikira, ni Yo Nkinzoyabatoni Ikaba n’Umutabazi wacu”. Abemeramana rero nibishimikize Imana Allah bayizere. 52. Muvugishwamana! Bwira izo ndyarya uti: “Mbega ni igiki murindiriye ko kidushikira kiretse kimwe mu vyiza bibiri; ugupfira Imana Allah canke kuronka intsinzi ku rugamba, mu gihe twebwe turindiriye ko mushikirwa n’ibihano vy’Imana Allah bikabahonya canke tukabicira ku rugamba! Nimurindire rero, na twe mu vy’ukuri turarindiranye hamwe na mwe ico Imana Allah Igiye gukora”. 53. Muvugishwamana! Bwira izo ndyarya uti: “Nimutange mu matungo yanyu ivyo mushatse, uko mushatse kwose; ku bushake bwanyu canke ku gitsure, Imana Allah ntizogenda Yakiriye ivyo mwatanze, kuko mu vy’ukuri mwebwe muri abantu b’ibigaba birenga ku mabwirizwa yayo”; 54. Nta gituma indyarya zitakirirwa ivyo zatanze, kiretse ko zihisha mu mishaha ubugarariji; ntizija no gusenga, kiretse ko zigenda zinebwa; ntizinatanga mu matungo yazo, kiretse ko zitanga ku gitsure. 55. Muvugishwamana! Kubera ivyo rero, ntugatangazwe n’ubwinshi bw’amatungo n’abana vy’izo ndyarya, ni ukuri Imana Allah Ishaka ko Izigeragereza ku vyo Yazihaye mu buzima bwo kw’isi, gutyo zizosezere isi zikigarariza. 56. Ziranarahira zikarengwa kw’Izina ry’Imana Allah, zibesha ko mu vy’ukuri ziri kumwe na mwe, kandi zitari muri mwebwe. Ariko rero indyarya ni abantu, iyo batinye barahira ku kwiyorobeka. 57. Ziramutse zironse ubuhungiro canke inzitiro ntamenwa zohungiramwo, isenga ry’ibuye canke umwobo zonyegeramwo, zogenda nk’umuravyo zikabahunga. 58. Ntumwa y’Imana! Muri zo, harimwo abakunebagura ukuntu ugabura imperezwa; iyo ziyihaweko, zirashima zigaceceka; iyo naho zitayihaweko na gato, zirashavura zikakugirira umwikomo. 59. Iyo zishima ivyo zihawe n’Imana Allah n’Intumwa yayo, zigaheza zikavuga ziti: “Iyikwiye kuduhagararira, ni Imana Allah, Izoheza Iduhe mu mpano zayo, Intumwa yayo na yo nyene izoduha mu vyo yahawe n’Imana Allah, mu vy’ukuri twebwe twipfuza ko Imana Allah Yodukenura”, vyari kuba vyiza cane kuri zo.

- Kirundi Translation - Yusuf Gheti

reading-goal:continue-reading

Maelezo na Tafakari

reflection-not-available

Notes placeholders

Endelea Kuungana na Qur'ani ❤️

Vikumbusho vifupi vyenye maana vinavyoweka upya maisha yako, kukusaidia kutafakari na kuendelea kushikamana na Qur'ani.

Soma, Sikiliza, Tafuta, na Tafakari Qur'ani

Quran.com ni jukwaa linaloaminika na linalotumiwa na mamilioni duniani kote kusoma, kutafuta, kusikiliza na kutafakari kuhusu Qur'ani katika lugha tofauti. Inatoa huduma za tarjuma, tafsiri, vikariri, tarjuma ya neno kwa neno, na zana za ufahamu wa kina, kuifanya Qur'ani ipatikane na kila mtu.

Kama mbinu ya Sadaqah Jariyah, Quran.com imejitolea kusaidia watu kuunganishwa kwa kina na Qur'ani. Ikiungwa mkono na Quran.Foundation , shirika lisilo la faida la 501(c)(3), Quran.com inaendelea kukua kama rasilimali ya bila malipo na yenye thamani kwa wote, Alhamdulillah.

Chunguza
Nyumbani
Redio ya Qur'ani
Wasomaji
Kutuhusu
Watengenezaji
Sasisho za Bidhaa
Maoni
Msaada
Changia
Miradi Yetu
Quran.com
Quran For Android
Quran iOS
QuranReflect.com
Quran.AI
Sunnah.com
Nuqayah.com
Legacy.Quran.com
Corpus.Quran.com
Miradi isiyo ya faida inayomilikiwa, kusimamiwa, au kufadhiliwa na Quran.Foundation
Viungo Maarufu
Dua kutoka Quran
Aya ya Quran ya Siku
Ayatul Kursi
Yaseen
Al Mulk
Ar-Rahman
Al Waqi'ah
Al Kahf
Al Muzzammil
Ramani ya tovutiFaraghaSheria na Masharti
© 2026 Quran.com. Haki Zote Zimehifadhiwa
Changia