Ingia
Ingia
Ingia
Chagua Lugha

Ash-Shuaraa 26:71 قالوا نعبد اصناما فنظل لها عاكفين ٧١

Ukurasa 370 · Juzuu 19

قَالُواْ
نَعۡبُدُ
أَصۡنَامٗا
فَنَظَلُّ
لَهَا
عَٰكِفِينَ
٧١
Bavuze bamwishura bati: “Dusenga ibigirwamana, tugaheza tukavyiyegurira”.
reading-goal:continue-reading

Soma q-and-a.tafsir

Ibn Kathir (Abridged)

How the Close Friend of Allah, Ibrahim spoke out against Shirk

Here Allah tells us about His servant, Messenger and Close Friend, Ibrahim, upon him be peace, the leader of the pure monotheists. Allah commanded His Messenger Muhammad ﷺ to recite this story to his Ummah so that they could follow this e

…

How the Close Friend of Allah, Ibrahim spoke out against Shirk

Here Allah tells us about His servant, Messenger and Close Friend, Ibrahim, upon him be

…
Tazama tafsirs

Soma related-content

69. Ntumwa y’Imana! Cira ku mayange abagarariji, inkuru ya Ibrahimu; 70. Igihe yabwira se hamwe n’abantu biwe ati: “Ni igiki musenga?”. 71. Bavuze bamwishura bati: “Dusenga ibigirwamana, tugaheza tukavyiyegurira”. 72. Ibrahimu yababwiye abanebagura ati: “None burya, ivyo bigirwamana biraheza bikabumvira igisabisho iyo mubisavye? 73. Canke bikagira ico bibamariye iyo mubisenze? Canke bikagira ico bibiciye iyo mutabisenze?”. 74. Bavuze bamwishura bati: “Eka nta na kimwe tuziga kuri ivyo bigirwamana! Ahubwo twasanze abavyeyi bacu babisenga, na twe tubisenga ukwo”. 75. Ibrahimu yavuze ati: “Mbe burya muraraba mukazirikana ivyo musenga; 76. Mwebwe hamwe n’abavyeyi banyu b’abakurambere! 77. Mu vy’ukuri ivyo musenga mu gishingo c'Imana Allah, vyose ni abansi kuri jewe, ariko Imana Rurema w’ibiremwa vyose, ni Yo gusa nsenga; 78. Ni Yo Yandemye mw’ishusho ryiza, Iraheza Irandongora mu gukora ibimfitiye akamaro kw’isi no mu buzima bw’inyuma yo gupfa; 79. Ni na Yo Indonsa imfugurwa Ikandonsa n’ico nywa; 80. N’iyo ndwaye, ni Yo Inkiza nkaroranirwa mu magara; 81. Ni na Yo Inyaka ubuzima kw’isi ngapfa, hanyuma Ikazonsubiza kandi ubuzima ku musi w’izuka, nkazuka; 82. Ni na Yo nizeye ko Ingumiriza akabanga Ikazombabarira ivyaha vyanje ku musi w’impera”. 83. Ibrahimu yavuze asaba ati: “Mana yanje Rurema Allah! Mpa ubumenyi no gutahura bikwiye, Wongere Unkurikize aberanda tuzohurira mu Bwami bw’ijuru; 84. Umpe no kuyagwa neza n’abantu mu bazokurikira gushika ku musi w’iherezo; 85. Unshire no mu baja bawe Wageneye Ubwami bw’ijuru bwuzuye inema; 86. Urongore n’umuvyeyi wanje mu nzira yawe, maze Umugumirize akabanga, Umubabarire ivyaha vyiwe; mu vy’ukuri, yari mu bantu bahuvye; 87. Kandi ntuzontetereze umusi ibiremwa vyazutse kugira biharurirwe, maze bigahemberwa ivyo vyakoze; 88. Umusi amatungo n’ibibondo ata na kimwe bizomarira umuntu; 89. Kiretse umuntu azoza ku Mana Allah arangwa n’umutima wejejwe ubugarariji n’uburyarya”. 90. Kuri nya musi rero, Ubwami bw’ijuru buzokwegerezwa abagamburukiramana; 91. Umuriro ururumba na wo, ushirirwe ahabona abarenze ku mabwirizwa y’Imana Allah, bakanahakana bivuye inyuma Intumwa zayo; 92. Maze babwirwe n’agashinyaguro n'akantu bati: “Mbega ibigirwamana mwahora musenga mu gishingo c’Imana Allah, biri hehe ngo bibavugire kuri uno musi! 93. Mbega burya nya bigirwamana birashoboye kubatabara ngo bibakureko ibihano! Mbe hoho nya bigirwamana nyene biranashoboye kwikura mu bihano!”. 94. Bazoheza rero begeranirizwe hamwe, maze batabwe mu muriro batanguje umutwe, bari mu migwimigwi. Nya bigirwamana hamwe n’abarenze ku mabwirizwa y’Imana Allah bakanahakana n’Intumwa zayo, bazotabwa muri nya muriro; 95. Bari kumwe n’ababahubishije mu ngabo za shetani zabaryohereza gukora ibibi, nta n’umwe azocaruka. 96. Bazohazana bari mu muriro ku makosa yabo; 97. Bavuga babwira ababahubushije bati: “Turarahiye kw’izina ry’Imana Allah! Ni ukuri, kw’isi twari mu buhuvyi bugaragara; 98. Mu kubasenga tubanganisha n’Imana Rurema w’ibiremwa vyose, Ikwiye gusengwa ari Imwe Rudende; 99. Burya nta cadukwegeye akaga kikadushikana aha turi, kiretse abanyavyaha barenga ku mabwirizwa y’Imana Allah baduhubishije, tukabumvira; 100. Ubwo none ga yemwe! Nta n’umwe yonadusabira akadukura muri ibi bihano turimwo! 101. Nta n’umugenzi nkoramutima yotwumvira n’ikigongwe! 102. Ese twopfuma dusubizwa kandi kw’isi tugaheza tukaba abemeramana koko!”. 103. Mu vy’ukuri mu nkuru ya Ibrahimu, ni ukuri harimwo inkebuzo ku wumva akikebuka. Hamwe n’ivyo rero, abenshi mu bashikiriwe n’iyo nkuru ntibahavuye bemera. 104. Mu vy’ukuri Imana yawe Rurema Allah, ni ukuri ni Yo Nyenintsinzi-Mutaneshwa, Nyenimbabazi ku batoni bayo.

- Kirundi Translation - Yusuf Gheti

reading-goal:continue-reading

Maelezo na Tafakari

reflection-not-available

Notes placeholders

Endelea Kuungana na Qur'ani ❤️

Vikumbusho vifupi vyenye maana vinavyoweka upya maisha yako, kukusaidia kutafakari na kuendelea kushikamana na Qur'ani.

Soma, Sikiliza, Tafuta, na Tafakari Qur'ani

Quran.com ni jukwaa linaloaminika na linalotumiwa na mamilioni duniani kote kusoma, kutafuta, kusikiliza na kutafakari kuhusu Qur'ani katika lugha tofauti. Inatoa huduma za tarjuma, tafsiri, vikariri, tarjuma ya neno kwa neno, na zana za ufahamu wa kina, kuifanya Qur'ani ipatikane na kila mtu.

Kama mbinu ya Sadaqah Jariyah, Quran.com imejitolea kusaidia watu kuunganishwa kwa kina na Qur'ani. Ikiungwa mkono na Quran.Foundation , shirika lisilo la faida la 501(c)(3), Quran.com inaendelea kukua kama rasilimali ya bila malipo na yenye thamani kwa wote, Alhamdulillah.

Chunguza
Nyumbani
Redio ya Qur'ani
Wasomaji
Kutuhusu
Watengenezaji
Sasisho za Bidhaa
Maoni
Msaada
Changia
Miradi Yetu
Quran.com
Quran For Android
Quran iOS
QuranReflect.com
Quran.AI
Sunnah.com
Nuqayah.com
Legacy.Quran.com
Corpus.Quran.com
Miradi isiyo ya faida inayomilikiwa, kusimamiwa, au kufadhiliwa na Quran.Foundation
Viungo Maarufu
Dua kutoka Quran
Aya ya Quran ya Siku
Ayatul Kursi
Yaseen
Al Mulk
Ar-Rahman
Al Waqi'ah
Al Kahf
Al Muzzammil
Ramani ya tovutiFaraghaSheria na Masharti
© 2026 Quran.com. Haki Zote Zimehifadhiwa
Changia