Ingia
Ingia
Ingia
Chagua Lugha

Ash-Shuaraa 26:26 قال ربكم ورب ابايكم الاولين ٢٦

Ukurasa 368 · Juzuu 19

قَالَ
رَبُّكُمۡ
وَرَبُّ
ءَابَآئِكُمُ
ٱلۡأَوَّلِينَ
٢٦
Musa yarongeye avuga kandi ati: “Imana ndabararikira kwemera, ni Imana yanyu Rurema Allah Yabaremye, Ikanarema ba so mukomokako”.
reading-goal:continue-reading

Soma q-and-a.tafsir

Ibn Kathir (Abridged)

Allah tells us about the disbelief, rebellion, oppression and denial of Fir`awn, as He says:

وَمَا رَبُّ الْعَلَمِينَ

((Fir`awn said:) "And what is the Lord of the `Alamin") This is because he used to say to his people:

مَا عَلِمْتُ لَكُمْ مِّنْ إِلَهٍ غَيْرِى

(I know not that you have a god other than

…

Allah tells us about the disbelief, rebellion, oppression and denial of Fir`awn, as He says:

وَمَا رَبُّ الْعَلَمِينَ

((Fir`awn said:) "And what is the

…
Tazama tafsirs

Soma related-content

10. Ntumwa y’Imana! Cira agace abo warungitsweko ku nkuru ya Musa, igihe Imana yawe Rurema Allah Yahamagara Musa Iti: “Genda ku bantu birenganije; 11. Abantu ba Firawuni, maze ubararikire kugamburukira Imana Allah mu gushira mu ngiro amabwirizwa yayo”. 12. Musa yavuze ati: “Mana yanje Rurema Allah! Jewe ndafise impungenge ko bohakana bivuye inyuma ubutumwa ndabazaniye; 13. Ngatuntuzwa n’uko bangararije, kandi n’ururimi rwanje ntirutomora bikwiye, ndagusavye rero Uhe ubutumwa murumunanje Haruna kugira anshigikire, yongere anyunganire mu kubumvisha ubutumwa nzoba ndabashikirije; 14. Hari n’igicumuro nabakoreye co kwica umuntu mu Banyagiputa, ndatinya rero ko boca bamwihorera, bakanyica”. 15. Imana Allah Yabwiye Musa Iti: “Ihibambewe! Tekana nta co bazokugira. Na murumunawe Haruna Tumugize Intumwa, nimugende rero uko muri babiri mwitwaje ibitangaro vyacu Twebwe Allah, vyerekana ukuri kwanyu; mu vy’ukuri, Turi kumwe na mwe ku bumenyi bwacu no mu kubabungabunga, Turumviriza n’ivyo mushikiriza; 16. Enda nyabuna rero, nimugende kwa Firawuni, maze mumubwire muti: “Twebwe mu vy’ukuri, turi Intumwa zirungitswe n’Imana yawe Rurema Allah kuri wewe no ku bantu bawe; 17. Ko wobohora Bene Israyeli ukareka kubacinyiza, tugaheza rero tukabarongora mu nzira y’Imana Allah, bakadukurikira””. 18. Firawuni yishuye Musa n’agashinyaguro n'akantu ati: “Mbega uribagiye ko twakurereye ng’aha kuva ukiri uruyoya, uraheza ubana na twe imyaka n’iyindi! 19. Uraheza ukora igicumuro co kwica Umunyagiputa igihe winamura umukubita igipfunsi, aca ararambarara! Ako, ni ko gashimwe wampaye ku ciza nagukoreye co kukurera!”. 20. Musa araheza yishura Firawuni ati: “Nimba ico gicumuro naragikoze, sinari bwahishurirwe kuba Intumwa! 21. Ni naho nata nkomoka mpungira i Madiyana, ku gutinya ko mwonyica mwihorera Umunyagiputa wanyu nishe kw’isanganya; mu nyuma, Imana yanje Rurema Allah Yahavuye Impa ubutumwa n’ubumenyi, maze Ingira Intumwa mu zindi; 22. Iryo rererwa ryanje iwawe na ryo unshinyagurizako, ryabaye kugira ngo ubandanye ucura bufuni na buhoro Bene Israyeli!”. 23. Firawuni yahavuye abaza Musa ati: “Imana Rurema w’ibiremwa vyose Yakurungitse, ni igiki?”. 24. Musa yavuze yishura Firawuni ati: “Ni Imana Rurema, Umubungabunzi w’amajuru n’isi hamwe n’ibiri hagati yavyo; nimwaba rero muzi neza ivyo, nimuyemere”. 25. Firawuni arinamura abwira abubahwa bari ng’aho bamukikije ati: “Muranyumvira ako kamaramaza ka Musa, aho yubahuka akavuga ko hari iyindi mana atari jewe!”. 26. Musa yarongeye avuga kandi ati: “Imana ndabararikira kwemera, ni Imana yanyu Rurema Allah Yabaremye, Ikanarema ba so mukomokako”. 27. Firawuni n’ishavu n’akantu asubizayo anebagura Musa ati: “Mu vy’ukuri Intumwa yanyu mwarungikiwe, ni ukuri, ni umusazi, ivuga ibitaroranye namba”. 28. Musa arongera ati: “Imana ndabararikira kwemera, ni Imana Rurema Yaremye ubuseruko n’uburengero hamwe n’ibiri hagati yavyo; Irema n’umuco n’umuzimagiza. Ivyo rero, bikaba ari ivyemezo vy’uko ari Yo Ikwiye kwemerwa no gusengwa ari Imwe Rudende nimwaba mutegera neza ububasha bwayo”. 29. Firawuni aca avuga n’iterabwoba n’akantu yihaniza Musa ati: “Niwigenera Iyindi Mana atari jewe, ni ukuri ntegerezwa kuguta mw’ibohero hamwe n’abandi”. 30. Musa asubizayo ati: “Mbega uraheza unte mw’ibohero hamwe n’abandi, n’aho nokuzanira icemezo gitomoye ko ndi mu kuri!”. 31. Firawuni aca asaba Musa ko yozana icemezo ati: “Enda nyabuna rero, zana ico cemezo ku vyo uvuga niwaba uri mu mvugakuri ko uri Intumwa vy’ukuri”. 32. Ni ho rero Musa yaterera inkoni yiwe hasi, ica ihinduka inzoka amahanga yigendera, abantu birabira; 33. Araheza kandi ashira ikiganza ciwe mu kwaha, agize ngo aragikuyeyo, caje cererana gisayangana cane abari ng’aho birabira, barumirwa.

- Kirundi Translation - Yusuf Gheti

reading-goal:continue-reading

Maelezo na Tafakari

reflection-not-available

Notes placeholders

Endelea Kuungana na Qur'ani ❤️

Vikumbusho vifupi vyenye maana vinavyoweka upya maisha yako, kukusaidia kutafakari na kuendelea kushikamana na Qur'ani.

Soma, Sikiliza, Tafuta, na Tafakari Qur'ani

Quran.com ni jukwaa linaloaminika na linalotumiwa na mamilioni duniani kote kusoma, kutafuta, kusikiliza na kutafakari kuhusu Qur'ani katika lugha tofauti. Inatoa huduma za tarjuma, tafsiri, vikariri, tarjuma ya neno kwa neno, na zana za ufahamu wa kina, kuifanya Qur'ani ipatikane na kila mtu.

Kama mbinu ya Sadaqah Jariyah, Quran.com imejitolea kusaidia watu kuunganishwa kwa kina na Qur'ani. Ikiungwa mkono na Quran.Foundation , shirika lisilo la faida la 501(c)(3), Quran.com inaendelea kukua kama rasilimali ya bila malipo na yenye thamani kwa wote, Alhamdulillah.

Chunguza
Nyumbani
Redio ya Qur'ani
Wasomaji
Kutuhusu
Watengenezaji
Sasisho za Bidhaa
Maoni
Msaada
Changia
Miradi Yetu
Quran.com
Quran For Android
Quran iOS
QuranReflect.com
Quran.AI
Sunnah.com
Nuqayah.com
Legacy.Quran.com
Corpus.Quran.com
Miradi isiyo ya faida inayomilikiwa, kusimamiwa, au kufadhiliwa na Quran.Foundation
Viungo Maarufu
Dua kutoka Quran
Aya ya Quran ya Siku
Ayatul Kursi
Yaseen
Al Mulk
Ar-Rahman
Al Waqi'ah
Al Kahf
Al Muzzammil
Ramani ya tovutiFaraghaSheria na Masharti
© 2026 Quran.com. Haki Zote Zimehifadhiwa
Changia