Ingia
Ingia
Ingia
Chagua Lugha

Ash-Shuaraa 26:107 اني لكم رسول امين ١٠٧

Ukurasa 371 · Juzuu 19

إِنِّي
لَكُمۡ
رَسُولٌ
أَمِينٞ
١٠٧
Mu vy’ukuri, jewe kuri mwebwe ndi Intumwa, nkaba n’Umwizigirwa mu vyo ndabashikiriza;
Endelea Kusoma

Soma Tafsir

Ibn Kathir (Abridged)

Nuh's preaching to His People, and Their Response

Here Allah tells us about His servant and Messenger Nuh, peace be upon him, who was the first Messenger sent by Allah to the people of earth after they started to worship idols. Allah sent him to forbid that and to warn people of the consequences of i

…

Nuh's preaching to His People, and Their Response

Here Allah tells us about His servant and Messenger Nuh, peace be upon him, who was the first Messeng

…
Tazama Tafsir

Soma katika Muktadha

105. Abantu barungikiwe Intumwa Nuhu barahakanye bivuye inyuma Intumwa yabo, baca bafatwa nk’aho bahakanye Intumwa zose; 106. Igihe mwenewabo Nuhu yababwira ati: “Ubwo ntimwogamburukira Imana Allah mukubahiriza ibwirizwa ryo kuyisenga ari Imwe Rudende! 107. Mu vy’ukuri, jewe kuri mwebwe ndi Intumwa, nkaba n’Umwizigirwa mu vyo ndabashikiriza; 108. Enda rero nyabuna nimwikingire ibihano vy’Imana Allah mu kunyemera, muheze munyumvire mu gusenga Imana Imwe Rudende Allah; 109. Nta mpembo ndabasavye kw’ishikirizabutumwa ryanje, impembo yanje ndayiziga ku Mana Rurema Allah, Yo Mubungabunzi w’ibiremwa vyose; 110. Kubera ivyo rero, nimwikingire ibihano vy’Imana Allah mu kunyemera, muheze munyumvire mu gushira mu ngiro amabwirizwa yayo". 111. Abantu ba Nuhu barinamuye bati: “Wewe ubona twokwemera gute ngo tugukurikire mu gihe wakurikiwe n’abantu ba nyarucari n’imbunuza!”. 112. Nuhu (nyakugira amahoro y’Imana Allah) araheza abishura ati: “Sinjejwe kumenya ubuzima babayemwo; ico njejwe, ni ukubararikira ukwemera, burya ubutore n’icubahiro c’umuntu, biva ku kwemera Imana Allah, ntibiva ku muryango canke ku co ari mu kibano; 113. Iharurirwa ryabo ku vyo bakoze, rijejwe Imana yanje Rurema Allah. Iyo muba muzi ko biri ukwo rero, ntimwari kunebagura abankurikiye; 114. Kandi nanje nyene sindota nirukana abemeramana bankurikiye uko bari kwose kugira ngo munyemere; 115. Jewe burya nta kindi njejwe, kiretse ko ndi Umugabisha atomoye ku bihano vy’Imana Allah”. 116. Abantu ba Nuhu bahavuye bamutera ubwoba bati: “Nuhu! Utaretse iryo rarikiramana ryawe, ni ukuri nta kibuza, tuzokwicisha amabuye!”. 117. Nuhu amaze kwumva iterabwoba ryabo, yaratakambiye Imana Allah avuga ati: “Mana yanje Rurema Allah! Mu vy’ukuri abantu banje Wandungitseko, bangararije bimwe biboneka; 118. Ndagusavye rero ko Ufata ingingo idutandukanya mu guhonya abaguhakana bakagarariza Intumwa yawe, maze Undokore muri iryo honywa jewe hamwe n’abo turi kumwe mu bemeramana”. 119. Imana Allah Yarumviye Nuhu, maze Iramurokora muri nya honywa we hamwe n’abari kumwe na we mu bwato bwarimwo amoko yose y’ibiremwa. 120. Mu nyuma rero, ni ho Twebwe Allah Twahonya abahakanye bakagarariza. 121. Mu vy’ukuri, mu nkuru ya Nuhu n’ihonywa ry’abamugararije, ni ukuri harimwo inkebuzo ku bantu. Hamwe n’ivyo rero, abenshi mu bashikiriwe n’iyo nkuru, ntibahavuye bemera Imana Allah n’Intumwa zayo ngo bubahirize n’amabwirizwa yayo. 122. Mu vy’ukuri Imana yawe Rurema Allah, ni ukuri ni Yo Nyenintsinzi-Mutaneshwa, Nyenimbabazi ku batoni bayo.

- Kirundi Translation - Yusuf Gheti

Endelea Kusoma

Maelezo na Tafakari

Huna maelezo au tafakari yoyote kuhusu aya hii.

Notes placeholders

Endelea Kuungana na Qur'ani ❤️

Vikumbusho vifupi vyenye maana vinavyoweka upya maisha yako, kukusaidia kutafakari na kuendelea kushikamana na Qur'ani.

Soma, Sikiliza, Tafuta, na Tafakari Qur'ani

Quran.com ni jukwaa linaloaminika na linalotumiwa na mamilioni duniani kote kusoma, kutafuta, kusikiliza na kutafakari kuhusu Qur'ani katika lugha tofauti. Inatoa huduma za tarjuma, tafsiri, vikariri, tarjuma ya neno kwa neno, na zana za ufahamu wa kina, kuifanya Qur'ani ipatikane na kila mtu.

Kama mbinu ya Sadaqah Jariyah, Quran.com imejitolea kusaidia watu kuunganishwa kwa kina na Qur'ani. Ikiungwa mkono na Quran.Foundation , shirika lisilo la faida la 501(c)(3), Quran.com inaendelea kukua kama rasilimali ya bila malipo na yenye thamani kwa wote, Alhamdulillah.

Chunguza
Nyumbani
Redio ya Qur'ani
Wasomaji
Kutuhusu
Watengenezaji
Sasisho za Bidhaa
Maoni
Msaada
Changia
Miradi Yetu
Quran.com
Quran For Android
Quran iOS
QuranReflect.com
Quran.AI
Sunnah.com
Nuqayah.com
Legacy.Quran.com
Corpus.Quran.com
Miradi isiyo ya faida inayomilikiwa, kusimamiwa, au kufadhiliwa na Quran.Foundation
Viungo Maarufu
Dua kutoka Quran
Aya ya Quran ya Siku
Ayatul Kursi
Yaseen
Al Mulk
Ar-Rahman
Al Waqi'ah
Al Kahf
Al Muzzammil
Ramani ya tovutiFaraghaSheria na Masharti
© 2026 Quran.com. Haki Zote Zimehifadhiwa
Changia