Umusambanyi, ntashima gushingirwa kiretse umusambanyikazi nkawe canke umubangikanyamanakazi atemera ko ubusambanyi ari icaha. Kukaba nkako, n’umusambanyikazi nyene ntashima gushingirwa, kiretse umusambanyi nkawe canke umubangikanyamana atemera ko ubusambanyi ari icaha. Nayo abacungera ubwambure bwabo mu bemeramana, ntibashima namba gushingirwa muri ubwo buryo kuko ishingirwa nk’iryo ari ikizira ku bemeramana1.