Abayahudi rero Twarabavumye bitewe no kutubahiriza isezerano bahawe; kugarariza Aayah n’ivyemezo vy’Imana Allah vyemeza ukuri kw’Intumwa zayo; kwica Abavugishwamana ku karenganyo; hamwe rero no kuvuga kwabo bigovyora bati: “Imitima yacu irugaye, ntiturota tukwumvira”. Si nk’ukwo bibwira, ahubwo nyabuna Imana Allah Yaramaze kuziba imitima yabo ku kubera igarariza ryabo. Kubera ivyo rero, ntibarota bemera kiretse gake ata co kabamariye;