Ivyo bigirwamana, si ikindi kiretse ko ari amazina mwapfundikanije murarementanya mwebwe hamwe na ba so banyu. Nta n’aho Imana Allah, Yigeze Imanura n’icemezo na kimwe cemeza ivyo mwibwira. Ababangikanyamana rero, nta co bakurikira kiretse ugukekeranya hamwe n’ivyipfuzo vyabo. Ni ukuri, barashikiriwe n’uburongozi buvuye ku Mana yabo Rurema Allah, Yaburungikanye Intumwa Muhamadi (nyakugira amahoro n’impuhwe z’Imana Allah), ariko nta co bwabamariye.