Ingia
Ingia
Ingia
Chagua Lugha

An-Nahl 16:29 فادخلوا ابواب جهنم خالدين فيها فلبيس مثوى المتكبرين ٢٩

Ukurasa 270 · Juzuu 14

فَٱدۡخُلُوٓاْ
أَبۡوَٰبَ
جَهَنَّمَ
خَٰلِدِينَ
فِيهَاۖ
فَلَبِئۡسَ
مَثۡوَى
ٱلۡمُتَكَبِّرِينَ
٢٩
Kubera ivyo rero, bazobwirwa ku musi w’izuka bati: “Nimwinjire mu miryango y’umuriro wa Jahannamu, muzowubamwo ibihe bidahera”. Iryo rero, ni ryo cumbi ribi cane ry’abagira amanyama mu kutemera Imana Allah.
reading-goal:continue-reading

Soma q-and-a.tafsir

Ibn Kathir (Abridged)

The Condition of the Disbeliever during and after Death

Allah informs us of the state of the idolators who are doing wrong to themselves when death approaches and the angels come to seize their evil souls.

فَأَلْقَوُاْ السَّلَمَ

(Then, they will (falsely) submit) meaning, they will make it appear as i

…

The Condition of the Disbeliever during and after Death

Allah informs us of the state of the idolators who are doing wrong to themselves when death app

…
Tazama tafsirs

Soma related-content

26. Abantu bo hambere y’abo, barateze imitego Intumwa barungikiwe, maze Imana Allah Iraheza Inyiganza inyubako y’ubuhuvyi bwabo guhera ku mushinge wayo, urusenge rwayo rubasenyukirako, maze bashikirwa n’ibihano barahona mu buryo bataziga; 27. Hanyuma ku musi w’izuka naho, Imana Allah Izobatetereza mu kubahanisha umuriro, Ice Ibabwira Iti: “Bari hehe rero abo mwahora mumbangikanya mukabasenga, ari na bo batumye murwanya Intumwa hamwe n’abemeramana kw’isi! Nibaseruke rero, kugira babakure mu bihano”. Abahawe ubumenyi bakabugendera bazovuga bati: “Ni ukuri, uguteterezwa n’ibihano vy’uno musi, ni ku bagarariji”; 28. Abakurwamwo imitima n’abamalayika bagapfa barirenganije mu guhakana, maze bagaca bugufi kuko babonye urwabo rushitse, bakihakana ibigirwamana bahora basenga, bakanavuga bati: “Nta co twigeze dukora mu bicumuro!”, bagaheza bakishurwa bati: “Mwanguha! Ahubwo mwari mwarimonogoje; mu gucumura, ni ukuri Imana Allah, Irazi neza ivyo mwakoze vyose, kandi Izobibahembera”; 29. Kubera ivyo rero, bazobwirwa ku musi w’izuka bati: “Nimwinjire mu miryango y’umuriro wa Jahannamu, muzowubamwo ibihe bidahera”. Iryo rero, ni ryo cumbi ribi cane ry’abagira amanyama mu kutemera Imana Allah. 30. Nayo abagamburukiramana bagize ngo barabazwa bati: “Mbega Imana yanyu Rurema Allah, ni ibiki Yamanuriye Intumwa yayo Muhamadi (nyakugira amahoro n’impuhwe z’Imana Allah)?”, bazokwishura bati: “Yayimanuriye ivyiza n’uburongozi”. Abemeye Imana Allah n’Intumwa yayo kuri ino si, bakararikira n’abandi ukwemera n’ugukora ivyiza bitegetswe, baragenewe intsinzi no kuroranirwa kw’isi; mu buzima bw’inyuma yo gupfa naho, barategekanirijwe ivyiza bisumba ivyo bagenewe kw’isi. Iryo rero ni ryo cumbi ryiza cane mu buzima bw’inyuma yo gupfa ku bagamburukiramana; 31. Imirima itotahaye yo mu Bwami bw’ijuru rya “Adeni”, bazokwinjira muri nya Bwami babubemwo ibihe bidahera, musi y’ibiti n’inyubakwa vyabwo hatemba inzuzi; bazoronswa muri nya Bwami ivyo bipfuza vyose. Ni nk’iyo mpera rero Imana Allah, Ihemba abagamburukiramana; 32. Abakurwamwo imitima n’abamalayika bagapfa barejejwe imitima, maze bagaca bababwira bati: “Nimugire amahoro, muragasimba imanga, nimwinjire rero mu Bwami bw’ijuru ku vyiza mwakoze mukiri kw’isi, mukemera Imana Allah mukanayumvira”. 33. Burya, ababangikanyamana nta co barindiriye imbere yuko bemera, atari uko urwabo rushika bagakurwamwo imitima n’abamalayika, bagapfa bakigarariza; canke bagashikirwa n’ibihano vy’Imana Allah bikabahonya. Ni nk’ukwo nyene rero, abo hambere y’abo bagararije bagahanwa, kandi Imana Allah ntiyabarenganije namba muri ukwo guhanwa, ariko ni bo birenganije mu kugarariza; 34. Maze bahuganirwa n’ivyo bakoze, baca bashikirwa n’ibihano bahora bateburako ngo ntibazobihabwa;

- Kirundi Translation - Yusuf Gheti

reading-goal:continue-reading

Maelezo na Tafakari

reflection-not-available

Notes placeholders

Endelea Kuungana na Qur'ani ❤️

Vikumbusho vifupi vyenye maana vinavyoweka upya maisha yako, kukusaidia kutafakari na kuendelea kushikamana na Qur'ani.

Soma, Sikiliza, Tafuta, na Tafakari Qur'ani

Quran.com ni jukwaa linaloaminika na linalotumiwa na mamilioni duniani kote kusoma, kutafuta, kusikiliza na kutafakari kuhusu Qur'ani katika lugha tofauti. Inatoa huduma za tarjuma, tafsiri, vikariri, tarjuma ya neno kwa neno, na zana za ufahamu wa kina, kuifanya Qur'ani ipatikane na kila mtu.

Kama mbinu ya Sadaqah Jariyah, Quran.com imejitolea kusaidia watu kuunganishwa kwa kina na Qur'ani. Ikiungwa mkono na Quran.Foundation , shirika lisilo la faida la 501(c)(3), Quran.com inaendelea kukua kama rasilimali ya bila malipo na yenye thamani kwa wote, Alhamdulillah.

Chunguza
Nyumbani
Redio ya Qur'ani
Wasomaji
Kutuhusu
Watengenezaji
Sasisho za Bidhaa
Maoni
Msaada
Changia
Miradi Yetu
Quran.com
Quran For Android
Quran iOS
QuranReflect.com
Quran.AI
Sunnah.com
Nuqayah.com
Legacy.Quran.com
Corpus.Quran.com
Miradi isiyo ya faida inayomilikiwa, kusimamiwa, au kufadhiliwa na Quran.Foundation
Viungo Maarufu
Dua kutoka Quran
Aya ya Quran ya Siku
Ayatul Kursi
Yaseen
Al Mulk
Ar-Rahman
Al Waqi'ah
Al Kahf
Al Muzzammil
Ramani ya tovutiFaraghaSheria na Masharti
© 2026 Quran.com. Haki Zote Zimehifadhiwa
Changia