Eka ntiwari no hambavu y’umusozi wa Twuuri Sinayi igihe Twahamagara Musa Tukavugana ukuri kwamye, ariko Twakurungitse kugira ubere ibiremwa impuhwe zivuye ku Mana yawe Rurema Allah, uheze ugabishe ku bihano vyacu abantu batigeze bashikirwa n’umugabisha hambere yawe, kugira bibuke baheze bikebuke.