Ingia
Ingia
Ingia
Chagua Lugha

Al-Qasas 28:10 واصبح فواد ام موسى فارغا ان كادت لتبدي به لولا ان ربطنا على قلبها لتكون من المومنين ١٠

Ukurasa 386 · Juzuu 20

وَأَصۡبَحَ
فُؤَادُ
أُمِّ
مُوسَىٰ
فَٰرِغًاۖ
إِن
كَادَتۡ
لَتُبۡدِي
بِهِۦ
لَوۡلَآ
أَن
رَّبَطۡنَا
عَلَىٰ
قَلۡبِهَا
لِتَكُونَ
مِنَ
ٱلۡمُؤۡمِنِينَ
١٠
Nyina wa Musa yasigaye atuntuye ku mutima, ku buryo ata n’ikindi kintu camuraza ishinga, kiretse ukubona umwana wiwe Musa. Yarahatswe no kwatura ko ari we nyina wa Musa, iyo Tutamugumiriza umutima kugira abe mu bemeramana koko bizera isezerano ry’Imana Allah.
reading-goal:continue-reading

Soma q-and-a.tafsir

Ibn Kathir (Abridged)

The intense Grief of Musa's Mother, and how He was returned to Her

Allah tells us how, when her child was lost in the river, the heart of Musa's mother became empty, i.e., she could not think of any matter in this world except Musa. This was the view of Ibn `Abbas, Mujahid, `Ikrimah, Sa`id bin Jubayr

…

The intense Grief of Musa's Mother, and how He was returned to Her

Allah tells us how, when her child was lost in the river, the heart of Musa's mother

…
Tazama tafsirs

Soma related-content

4. Mu vy’ukuri, Firawuni yaranzwe n’amanyama n’ubwononyi kw’isi, araheza afata abantu abacamwo imigwi, acinyiza umugwi wa Bene Israyeli, awucura bufuni na buhoro, yica abana babo b’abahungu bose bavutse, asigaza abana b’abakobwa mu kubagira abashumba. Mu vy’ukuri, Firawuni yari mu bagenzwa n’ubwononyi kw’isi. 5. Twebwe Allah, Dushaka rero gutera iteka abacinyijwe bagacurwa bufuni na buhoro kw’isi, maze Tubagire indongozi zirarikira abandi ugukora ivyiza, Tunabahe gutorana isi mu nyuma y’ihonywa rya Firawuni n’abantu biwe; 6. Duheze Tubatsimbataze kw’isi, maze Twereke Firawuni na Haamaani n’ingabo zabo, ko ivyo bicura ko ubwami bwabo bwosenyuka hamwe boreka Musa agakura, bishoboka. 7. Nyina wa Musa rero amaze kwibaruka agatinya ko Musa yokwicwa na Firawuni, Twaramuhumurije, Duti: “Mwonse utekanye! Niwatinya ko yohava yicwa, uramufata umushire mw’isandugu, maze uyikororere mu ruzi rwa Nili; ntuzogire impungenge namba ko Firawuni n’abantu biwe bohava bamwica, uragumiza n’umutima mu nda, ntuzokwicwe n’intuntu yo kutamubona hafi yawe; mu vy’ukuri Twebwe Allah, Tuzomukugarukanira Duheze Tunamugire n’Intumwa”. 8. Nyina wa Musa ni ho yashira Musa mw’isandugu, araheza ayikororera mu ruzi rwa Nili. Ni ho rero abantu ba Firawuni bayitora, gutyo ivyagezwe n’Imana Allah bija mu ngiro, ko Musa azobabera umwansi, akababera n’imvo yo kwicwa n’intuntu igihe basomeshejwe nturi, bagahona. Mu vy’ukuri Firawuni na Haamaani hamwe n’ingabo zabo, bari abanyavyaha b’ababangikanyamana. 9. Umugore wa Firawuni aho aboneye Musa, yabwiye Firawuni n’ikigumbagumba n’akantu ati: “Ehe yemwe ikibondo kiri hano! Iki kibondo kizotubera twempi imvo y’akanyamuneza! Ndakwinginze ntuhirahire ngo ucice, hari aho cogira ico kitumariye canke tukacirerera nk’umwana wacu!”. Ivyo vyose rero, babigira batazi ko Musa azoba imvo y’ihonywa ryabo. 10. Nyina wa Musa yasigaye atuntuye ku mutima, ku buryo ata n’ikindi kintu camuraza ishinga, kiretse ukubona umwana wiwe Musa. Yarahatswe no kwatura ko ari we nyina wa Musa, iyo Tutamugumiriza umutima kugira abe mu bemeramana koko bizera isezerano ry’Imana Allah. 11. Nyina wa Musa amaze gukororera mu ruzi nya sandugu yashizemwo Musa, ni ho yabwira mushiki wa Musa ati: “Mwananje! Kurikirana iyi sandugu, maze urabe iherezo ryayo”. Nya mukobwa yarayikurikiranye gushika n’aho ayibona ihagaze ku nkengera z’uruzi rwa Nili; muri ico gihe, ingabo za Firawuni ntizanamenye ko ari mushiki wa Musa ariko arayikurikirana kuko yayirabira kure nk’uwutahari. 12. Twebwe Allah, Twaraziririje ko Musa yonka ibere ry’uwo ari we wese mu bakenyezi, imbere yuko Tumusubiza kwa nyina. Ni ho rero mushikiwe yabwira abari ng’aho ati: “Mbega mwonkundira nkabarangira umuryango womwitaho ukamurera ukanamwonsa, ukanamuha impanuro za kivyeyi?”. Ba bantu bari ng’aho na bo baraheza baramwemerera ko yobarangira nya muryango. 13. Ni ho rero Twebwe Allah, Twasubiza Musa kwa nyina kugira agumize umutima mu nda, maze ntiyicwe n’intuntu yo kutamubona hafi yiwe, no kugira amenye ko isezerano yahawe n’Imana Allah, ari iry’ukuri. Imana Allah burya ntirenga kw’isezerano, ariko abenshi mu babangikanyamana nta vyo bazi.

- Kirundi Translation - Yusuf Gheti

reading-goal:continue-reading

Maelezo na Tafakari

reflection-not-available

Notes placeholders

Endelea Kuungana na Qur'ani ❤️

Vikumbusho vifupi vyenye maana vinavyoweka upya maisha yako, kukusaidia kutafakari na kuendelea kushikamana na Qur'ani.

Soma, Sikiliza, Tafuta, na Tafakari Qur'ani

Quran.com ni jukwaa linaloaminika na linalotumiwa na mamilioni duniani kote kusoma, kutafuta, kusikiliza na kutafakari kuhusu Qur'ani katika lugha tofauti. Inatoa huduma za tarjuma, tafsiri, vikariri, tarjuma ya neno kwa neno, na zana za ufahamu wa kina, kuifanya Qur'ani ipatikane na kila mtu.

Kama mbinu ya Sadaqah Jariyah, Quran.com imejitolea kusaidia watu kuunganishwa kwa kina na Qur'ani. Ikiungwa mkono na Quran.Foundation , shirika lisilo la faida la 501(c)(3), Quran.com inaendelea kukua kama rasilimali ya bila malipo na yenye thamani kwa wote, Alhamdulillah.

Chunguza
Nyumbani
Redio ya Qur'ani
Wasomaji
Kutuhusu
Watengenezaji
Sasisho za Bidhaa
Maoni
Msaada
Changia
Miradi Yetu
Quran.com
Quran For Android
Quran iOS
QuranReflect.com
Quran.AI
Sunnah.com
Nuqayah.com
Legacy.Quran.com
Corpus.Quran.com
Miradi isiyo ya faida inayomilikiwa, kusimamiwa, au kufadhiliwa na Quran.Foundation
Viungo Maarufu
Dua kutoka Quran
Aya ya Quran ya Siku
Ayatul Kursi
Yaseen
Al Mulk
Ar-Rahman
Al Waqi'ah
Al Kahf
Al Muzzammil
Ramani ya tovutiFaraghaSheria na Masharti
© 2026 Quran.com. Haki Zote Zimehifadhiwa
Changia