Muheze mwumvire Imana Allah mwumvire n’Intumwa yayo, muniyubare ibihano vyayo mu vyo mugira vyose. Nimwagenza umugongo mukirengagiza amabwirizwa y’Imana Allah, muramenya mu vy’ukuri ko ico Intumwa yacu Muhamadi (nyakugira amahoro n’impuhwe z’Imana Allah) ijejwe gukora, ari ugushikiriza gusa ubutumwa butomoye.