Ingia
Ingia
Ingia
Chagua Lugha

Al-Kahf 18:69 قال ستجدني ان شاء الله صابرا ولا اعصي لك امرا ٦٩

Ukurasa 301 · Juzuu 15

قَالَ
سَتَجِدُنِيٓ
إِن
شَآءَ
ٱللَّهُ
صَابِرٗا
وَلَآ
أَعۡصِي
لَكَ
أَمۡرٗا
٦٩
Musa abwira Khadwiri ati: “Imana Allah niyabishaka, uza gusanga nihanganira ivyo nza kubona ugira vyose, kandi sinca kubiri n’ico untegetse gukora”.
reading-goal:continue-reading

Soma q-and-a.tafsir

Ibn Kathir (Abridged)

Musa meeting with Al-Khidr and accompanying Him

Allah tells us what Musa said to that learned man, who was Al-Khidr. He was one to whom Allah had given knowledge that He had not given to Musa, just as He had given Musa knowledge that He had not given to Al-Khidr.

قَالَ لَهُ مُوسَى هَلْ أَتَّبِعُكَ

(Mus

…

Musa meeting with Al-Khidr and accompanying Him

Allah tells us what Musa said to that learned man, who was Al-Khidr. He was one to whom Allah had given

…
Tazama tafsirs

Soma related-content

60. Ntumwa y’Imana! Niwibuke n’igihe Musa yabwira umukozi wiwe Yuusha’u mwene Nuuni ati: “Sindota ndeka kubandanya urugendo gushika ngere kw’ihuriro ry’amabahari abiri, canke ngume ngenda ikiringo kirekire gushika aho nzohurira n’umuja mweranda, aheze anyigishe ubumenyi ntafise”. 61. Bompi barabandanije urugendo badahesha, bamaze gushika kuri nya huriro ry’amabahari abiri, baraheza baricara kw’ibuye ryari ng’aho kugira baruhuke gato, bakaba bari batekeye impamba igizwe n’ifi yumye, nya fi iramwiyaka ikorokera mu mazi, ica icika nzima, maze iroga igenda ica inzira iboneka mw’ibahari. 62. Ni ho rero bava kuri nya buye barabandanya urugendo, bageze imbere Musa yumva inzara imwishe, maze abwira umukozi wiwe Yuusha’u mwene Nuuni ati: “Zana imfungurwa twivune inzara, ni ukuri uru rugendo ruraturuhije pe!”. 63. Yuusha’u mwene Nuuni yamwishuye ati: “Mbega uribuka hamwe twicara kuri rya buye ngo turuhuke! Ni ukuri nibagiye kukubwira ivyashikiye ya fi yumye, kandi nta canyibagije kubikubwira atari shetani. Uzi n’inkuru, ya fi yumye rero yacitse nzima maze isimbira mw’ibahari, iraheza iroga igenda ica inzira iboneka mw’ibahari mu buryo butangaje koko”. 64. Musa aramubwira ati: “Ivyo vyashitse rero, ni co kimenyetso twarondera kidushikana aho umuja mweranda ari”. Ni ho rero basubira inyuma bagenda bakurikira ibirenge gushika kuri nya buye. 65. Bahashitse, bahasanze umuja mweranda mu baja bacu Twebwe Allah Twahaye impuhwe zivuye iwacu, Tumwigisha n'ubumenyi buhambaye buvuye iwacu. 66. Maze Musa aramuramutsa amahoro y’Imana Allah, aca amubwira ati: “Wonkundira ga mugenzi nkagukurikira kugira unyigishe mu vyo wigishijwe n’Imana Allah, biheze bingirire akamaro?”. 67. Khadwiri araheza yishura Musa ati: “Mu vy’ukuri, wewe ntushoboye kwihanganira kugumana nanje; 68. Ni gute wokwihanganira ivyo mpava nkora turi kumwe, kandi utigeze ugira ico ubiziko!”. 69. Musa abwira Khadwiri ati: “Imana Allah niyabishaka, uza gusanga nihanganira ivyo nza kubona ugira vyose, kandi sinca kubiri n’ico untegetse gukora”. 70. Khadwiri araheza yemerera Musa kumukurikira, aca amubwira ati: “Niwaba wemeye ko dufadikanya urugendo rero, ndagusavye ntuze guhirahira ngo umbaze ku vyo uza kubona nkoze umutima wawe utavyemera, gushika jewe nyene ubwanje ndakwiganiye icatumye ndabikora”.

- Kirundi Translation - Yusuf Gheti

reading-goal:continue-reading

Maelezo na Tafakari

reflection-not-available

Notes placeholders

Endelea Kuungana na Qur'ani ❤️

Vikumbusho vifupi vyenye maana vinavyoweka upya maisha yako, kukusaidia kutafakari na kuendelea kushikamana na Qur'ani.

Soma, Sikiliza, Tafuta, na Tafakari Qur'ani

Quran.com ni jukwaa linaloaminika na linalotumiwa na mamilioni duniani kote kusoma, kutafuta, kusikiliza na kutafakari kuhusu Qur'ani katika lugha tofauti. Inatoa huduma za tarjuma, tafsiri, vikariri, tarjuma ya neno kwa neno, na zana za ufahamu wa kina, kuifanya Qur'ani ipatikane na kila mtu.

Kama mbinu ya Sadaqah Jariyah, Quran.com imejitolea kusaidia watu kuunganishwa kwa kina na Qur'ani. Ikiungwa mkono na Quran.Foundation , shirika lisilo la faida la 501(c)(3), Quran.com inaendelea kukua kama rasilimali ya bila malipo na yenye thamani kwa wote, Alhamdulillah.

Chunguza
Nyumbani
Redio ya Qur'ani
Wasomaji
Kutuhusu
Watengenezaji
Sasisho za Bidhaa
Maoni
Msaada
Changia
Miradi Yetu
Quran.com
Quran For Android
Quran iOS
QuranReflect.com
Quran.AI
Sunnah.com
Nuqayah.com
Legacy.Quran.com
Corpus.Quran.com
Miradi isiyo ya faida inayomilikiwa, kusimamiwa, au kufadhiliwa na Quran.Foundation
Viungo Maarufu
Dua kutoka Quran
Aya ya Quran ya Siku
Ayatul Kursi
Yaseen
Al Mulk
Ar-Rahman
Al Waqi'ah
Al Kahf
Al Muzzammil
Ramani ya tovutiFaraghaSheria na Masharti
© 2026 Quran.com. Haki Zote Zimehifadhiwa
Changia