Ingia
Ingia
Ingia
Chagua Lugha

Al-Furqan 25:68 والذين لا يدعون مع الله الاها اخر ولا يقتلون النفس التي حرم الله الا بالحق ولا يزنون ومن يفعل ذالك يلق اثاما ٦٨

Ukurasa 366 · Juzuu 19

وَٱلَّذِينَ
لَا
يَدۡعُونَ
مَعَ
ٱللَّهِ
إِلَٰهًا
ءَاخَرَ
وَلَا
يَقۡتُلُونَ
ٱلنَّفۡسَ
ٱلَّتِي
حَرَّمَ
ٱللَّهُ
إِلَّا
بِٱلۡحَقِّ
وَلَا
يَزۡنُونَۚ
وَمَن
يَفۡعَلۡ
ذَٰلِكَ
يَلۡقَ
أَثَامٗا
٦٨
Abasenga Imana Imwe Rudende Allah, batigera bayibangikanya n’ikigirwamana na kimwe, eka ntibicira ubusa n’ikiremwa Imana Allah Yaziririje ko cicwa; kiretse mu gihe hubahirijwe ukuri n’ingingo1, kandi ntibanasambana. Uwuzokora kimwe muri ivyo vyaha rutura rero, azobihanirwa bikomeye mu buzima bw’inyuma yo gupfa;
reading-goal:continue-reading

Soma q-and-a.tafsir

Ibn Kathir (Abridged)

The Attributes of the Servants of the Most Gracious include avoiding Shirk, Murder and Zina

Imam Ahmad recorded that `Abdullah bin Mas`ud said, "The Messenger of Allah was asked which sin is the most serious" He said:

«أَنْ تَجْعَلَ للهِ نِدًّا وَهُوَ خَلَقَك»

(That you appoint a rival to Allah when He

…

The Attributes of the Servants of the Most Gracious include avoiding Shirk, Murder and Zina

Imam Ahmad recorded that `Abdullah bin Mas`ud said, "The Me

…
Tazama tafsirs

Soma related-content

61. Harakubahwa Nyenimigisha-ntangere, Imana Allah Ibeshejeho ibiremwa, Yo Yaremye mu kirere c’ijuru, inyenyeri amahanga zifise inzira-ntasobwa, Ishira muri nya kirere izuba ryaka n’ukwezi kumurika. 62. Ni na Yo Yagize ijoro n’umurango kuba bikurakuranwa mu kubisanya, kugira bibere inkebuzo uwushaka kwikebuka akemera Imana Allah Yabiremye, canke uwushaka kuyishimira ku nema zayo. 63. Abaja beranda ba Nyenimpuhwe Allah, ni barya bagenda kw’isi mw’iteka n’itekane bicishije bugufi; n’iyo hagize abantu b’inshirasoni bababwira nabi, baraheza bakabishura mu bwitonzi ijambo ry’ihumure ritabata mu vyaha; 64. Abasenga kenshi amasengesho yo mu gicugu ku bw’Imana yabo Rurema Allah, bicishije bugufi mu gihe bubamye no mu gihe bahagaze; 65. Abatakamba basaba Imana Allah bavuga bati: “Mana yacu Rurema Allah! Igiza kure yacu ibihano vy’umuriro wa Jahannamu, mu vy’ukuri nta wutezurirwa ari mu bihano vyawo; 66. Mu vy’ukuri Jahannamu, ni bwo bushikiro n’icumbi bibi cane”; 67. Abadasesagura iyo batanze mu matungo yabo canke ngo babe ingumyi, bagaheza rero bagatanga ku rugero ruri hagati na hagati; 68. Abasenga Imana Imwe Rudende Allah, batigera bayibangikanya n’ikigirwamana na kimwe, eka ntibicira ubusa n’ikiremwa Imana Allah Yaziririje ko cicwa; kiretse mu gihe hubahirijwe ukuri n’ingingo, kandi ntibanasambana. Uwuzokora kimwe muri ivyo vyaha rutura rero, azobihanirwa bikomeye mu buzima bw’inyuma yo gupfa; 69. Aheze agwirizwe n’ibihano ku musi w’izuka, maze abibemwo asuzuguritse ibihe bidahera; 70. Ariko uwuzokwigaya nya kwigaya akavavanura n’ivyo vyaha, maze akemera vy’ukuri akanakora n’ibikorwa vyiza bitegetswe, uyo rero azoba ari mu bantu Imana Allah Ibabarira ibicumuro vyabo, Ikabihindura ivyiza ha kuba ibibi. Burya Imana Allah, Yamye ari Nyenikigongwe-ntangere ku bigaya, Nyenimbabazi ku batoni bayo; 71. Uwuzokwigaya rero ku Mana Allah ku vyaha yakoze, agaheza agakora n’ivyiza bitegetswe, ni ukuri, azoba agarutse koko ku Mana Allah, kugira Imwakirire ukwigaya kwiwe, Iheze Imubabarire n’ivyaha vyiwe; 72. Abatigera baba ivyabona vy’ikinyoma, batanaja n’aho nya kinyoma gisasirwa indava; n’iyo baciye ahavugwa amajambo y’imburakimazi, baraheza bakarengana bakebura mw’iteka n’itekane; 73. Na barya iyo bibukijwe Aayah za Qor’ani hamwe n’ivyemezo vy’Imana yabo Rurema Allah, vyerekana ko hariho Imana Imwe Rudende Allah, batavyirengagiza nk’aho boba ari ibitumva canke ibipfamaso, ahubwo barazirikana nya Aayah n’ivyemezo vy’Imana Allah, bagaheza bakicisha bugufi bakayubamira; 74. Abasaba Imana Allah bavuga bati: “Mana yacu Rurema Allah! Duhe ku bakenyezi bacu no ku ruvyaro rwacu, ibinezereye amaso bituma twamana akamwemwe, Unatugire indongozi z'imboneza zimurikira abagamburukiramana”. 75. Abo barangwa n’izo nyifato nziza rero, ni bo baja beranda ba Nyenimpuhwe Allah; bazohemberwa ku vyo bakoze, Ubwami bw’ijuru bw’iteka ku mpuhwe z’Imana Allah; ku kuntu bihanganiye igamburukiramana. Muri nya Bwami, bazokwakirwa n’indamutso y’amahoro bahawe n’abamalayika; 76. Bazoba muri nya Bwami ibihe bidahera, ni na bwo bushikiro n’icumbi vyiza cane. 77. Ntumwa y’Imana! Vuga ubwire abantu uti: “Imana yanje Rurema Allah nta co Yokwitwararitse ku bantu, iyo hataba ukuyiyegereza mu vyo bakora vyose banayisenga bayisaba. Emwe bagarariji! Mu vy’ukuri, mwaramaze guhakana mwivuye inyuma; ihakana ryanyu, rizotuma muhabwa ibihano mutazopfa mwikuyemwo kw’isi, no mu buzima bw’inyuma yo gupfa”.

- Kirundi Translation - Yusuf Gheti

reading-goal:continue-reading

Maelezo na Tafakari

reflection-not-available

Notes placeholders

Endelea Kuungana na Qur'ani ❤️

Vikumbusho vifupi vyenye maana vinavyoweka upya maisha yako, kukusaidia kutafakari na kuendelea kushikamana na Qur'ani.

Soma, Sikiliza, Tafuta, na Tafakari Qur'ani

Quran.com ni jukwaa linaloaminika na linalotumiwa na mamilioni duniani kote kusoma, kutafuta, kusikiliza na kutafakari kuhusu Qur'ani katika lugha tofauti. Inatoa huduma za tarjuma, tafsiri, vikariri, tarjuma ya neno kwa neno, na zana za ufahamu wa kina, kuifanya Qur'ani ipatikane na kila mtu.

Kama mbinu ya Sadaqah Jariyah, Quran.com imejitolea kusaidia watu kuunganishwa kwa kina na Qur'ani. Ikiungwa mkono na Quran.Foundation , shirika lisilo la faida la 501(c)(3), Quran.com inaendelea kukua kama rasilimali ya bila malipo na yenye thamani kwa wote, Alhamdulillah.

Chunguza
Nyumbani
Redio ya Qur'ani
Wasomaji
Kutuhusu
Watengenezaji
Sasisho za Bidhaa
Maoni
Msaada
Changia
Miradi Yetu
Quran.com
Quran For Android
Quran iOS
QuranReflect.com
Quran.AI
Sunnah.com
Nuqayah.com
Legacy.Quran.com
Corpus.Quran.com
Miradi isiyo ya faida inayomilikiwa, kusimamiwa, au kufadhiliwa na Quran.Foundation
Viungo Maarufu
Dua kutoka Quran
Aya ya Quran ya Siku
Ayatul Kursi
Yaseen
Al Mulk
Ar-Rahman
Al Waqi'ah
Al Kahf
Al Muzzammil
Ramani ya tovutiFaraghaSheria na Masharti
© 2026 Quran.com. Haki Zote Zimehifadhiwa
Changia