Impembo yabo ku Mana yabo Rurema Allah, ni imirima itotahaye yo mu Bwami bw’ijuru rya “Adeni”, musi y’inyubakwa n’ibiti vyabwo hatemba inzuzi, bazobubamwo ibihe bidahera, mu nema zamaho. Imana Allah Yarabashimiye ku vyo bakoze, na bo nyene barayishimiye ku mpera Yabageneye. Iyo, ni yo mpembo y’uwatinye gucumura ku Mana yiwe Rurema Allah.