Muvugishwamana! Ibuka n’igihe Twagira ingoro ntagatifu “Al-Ka’ba” ahantu abantu bahurumbira ata kudebukirwa, barondera indishi mu gihe c’ishengerera n’igendera ry’iyo ngoro, batekanye batekaniwe. Maze Tubabwiriza Duti: “Muragira rero ubuhagararo bw’Intumwa Ibrahimu (nyakugira amahoro y’Imana Allah) aho gusengera”. Twaranahishuriye Ibrahimu (nyakugira amahoro y’Imana Allah), maze Tumutegeka we hamwe n’umuhungu wiwe Ismayili Duti: “Nimusukure ingoro yanje ntagatifu ntirangwemwo n’igihumanya na kimwe, ubukozi bw’ikibi n’ibigirwamana, kugira ngo hakikurwe n’abakikura, abaje kwiyegurira Imana Allah, hamwe rero n’abasenga bunama bubama”.