Bemeramana! Ku kubera ishari abenshi mu bahawe Igitabu babafitiye, bipfuza ko bobagarura mu bahakanyi mukava mu bwislamu inyuma y’ukwemera kwanyu, ivyo bakavyipfuza inyuma y’aho ukuri kubatomokeye ko Muhamadi (nyakugira amahoro n’impuhwe z’Imana Allah) ari Intumwa y’Imana vy’ukuri. Kubera ivyo rero, nimubaharire kw’ibana ribi ryabo, mubababarire, munabirengagize mu kurindira ko Imana Allah Izana itegeko ryayo ribarekurira guhangana na bo ku rugamba, kugira ibahanire ibibi bakora. Mu vy’ukuri, Imana Allah ni Mushoboravyose;