Ingia
Ingia
Ingia
Chagua Lugha

Al-Aaraf 7:120 والقي السحرة ساجدين ١٢٠

Ukurasa 164 · Juzuu 9

وَأُلۡقِيَ
ٱلسَّحَرَةُ
سَٰجِدِينَ
١٢٠
Ni ho rero ba bakonikoni baca bubamira Imana Allah;
Endelea Kusoma

Soma Tafsir

Ibn Kathir (Abridged)

Musa defeats the Magicians, Who believe in Him

Allah states that at that tremendous moment, in which Allah differentiated between Truth and Falsehood, He sent a revelation to His servant and Messenger Musa, peace be upon him, ordering him to throw the stick that he held in his right hand,

فَإِذَا هِى
…

Musa defeats the Magicians, Who believe in Him

Allah states that at that tremendous moment, in which Allah differentiated between Truth and Falsehood,

…
Tazama Tafsir

Soma katika Muktadha

109. Indongozi mu bantu ba Firawuni, ni ho zabwira abari ng’aho ziti: “Mu vy’ukuri, Musa ni umurozi karuhariwe; 110. Ashaka kubomora mwese abakure mu gihugu canyu”. Ni ho Firawuni yaca avuga ati: “None mumpanuye gukora iki, ku vyerekeye Musa?”. 111. Za ndongozi ziraheza zimuhanura ziti: “Musa na murumunawe Haruna, bahe irindi sango ryo guhurirako, maze utume abararika abantu mu bisagara vyose vyo muri Misiri; 112. Baheze begeranye zina mukonikoni wese karuhariwe mu bukonikoni, bamukuzanire”. 113. Ku musi uri izina, ni ho rero nya bakonikoni karuhariwe baza kwa Firawuni, baraheza bamubaza bati: “Mbega none, ubwo duhava turonka agashimwe gashimishije, nitwaramuka dutsinze Musa?”. 114. Na we abishura ati: “Ego cane! Kandi muzoba muri no mu batoni bari hambavu yanje (abishikira)”. 115. Ba bakonikoni babwira Musa bamubaza n’ubwishime n’akantu bati: “Ewe Musa! Wipfuza ko ari wewe wotangura guterera hasi inkoni yawe, canke ko ari twebwe twotangura?”. 116. Musa abishura ati: “Nipfuza ko ari mwebwe mwotangura”. Bamaze guterera hasi imizana n’inkoni vyabo, barahunitse abantu bose bari ng’aho, ntibaba bakibona nya mizana na nya nkoni nk’uko bisanzwe, baraheza rero kandi babatera n’ubwoba bakoresheje uburozi buhanitse. 117. Ni naho Imana Allah Yahishurira Musa (nyakugira amahoro y’Imana Allah) Imubwiriza Iti: “Terera inkoni yawe hasi”. Musa, amaze guterera nya nkoni hasi, ya nkoni yaciye imiragura ivyo batereye hasi vyose, ivyari vyakanze abantu babona ko ari ivy’ukuri kandi ari ikinyoma ceruye. 118. Ico gihe, ukuri kwaragaragaye ku bari ng’aho ko Musa ari Intumwa y’Imana vy’ukuri. Ikinyoma cagizwe na ba bakonikoni na co, carabatekurukanye, gikubitirwa ahabona maze barahinyuka. 119. Muri iryo koraniro rero, abakonikoni bose baratsinzwe, maze Firawuni n’abantu biwe basubira inyuma basuzuguritse (ubwanwa bwapfutse umunwa). 120. Ni ho rero ba bakonikoni baca bubamira Imana Allah; 121. Bavuga bati: “Twemeye Imana Rurema, Umubungabunzi w’ibiremwa vyose; 122. Imana Rurema ya Musa na murumunawe Haruna”. 123. Firawuni n’ishavu n’akantu yaciye avuga ababwira ati: “Mbega mwemeye iyo Mana imbere yuko ndabarekurira kuyemera! Mu vy’ukuri, ukwo kwemera kwanyu, ni umugambi mubi mwateguye mufatanije na Musa, kugira mwomore ababa muri iki gisagara, muheze mucigarurire. Kubera ivyo rero, mugiye kwibonerako ingaruka y’ivyo mwakoze; 124. Ntegerezwa kubaca amaboko n’amaguru binyuranije; ndabace ukuboko kw’ukuryo hamwe n’ukuguru kw’ukubamfu, ukuboko kw’ukubamfu hamwe n’ukuguru kw’ukuryo, hanyuma mpeze ndababambe mwese ku bishitsi vy’igiti”. 125. Ba bakonikoni baraheza bishura Firawuni batekaniwe bati: “Twebwe mu vy’ukuri, twamaze kumenya ko tuzosubira ku Mana yacu Rurema Allah; 126. Nta n’ico uduhoye kiretse ko twemeye ivyemezo vy’Imana yacu Rurema Allah twashikirijwe na Musa. Mana yacu Rurema Allah! Duhe ukwihangana no gutsimbatara ku kwemera, Wongere Uzoturengutse hageze gupfa turi abislamu bicisha bugufi”.

- Kirundi Translation - Yusuf Gheti

Endelea Kusoma

Maelezo na Tafakari

Huna maelezo au tafakari yoyote kuhusu aya hii.

Notes placeholders

Endelea Kuungana na Qur'ani ❤️

Vikumbusho vifupi vyenye maana vinavyoweka upya maisha yako, kukusaidia kutafakari na kuendelea kushikamana na Qur'ani.

Soma, Sikiliza, Tafuta, na Tafakari Qur'ani

Quran.com ni jukwaa linaloaminika na linalotumiwa na mamilioni duniani kote kusoma, kutafuta, kusikiliza na kutafakari kuhusu Qur'ani katika lugha tofauti. Inatoa huduma za tarjuma, tafsiri, vikariri, tarjuma ya neno kwa neno, na zana za ufahamu wa kina, kuifanya Qur'ani ipatikane na kila mtu.

Kama mbinu ya Sadaqah Jariyah, Quran.com imejitolea kusaidia watu kuunganishwa kwa kina na Qur'ani. Ikiungwa mkono na Quran.Foundation , shirika lisilo la faida la 501(c)(3), Quran.com inaendelea kukua kama rasilimali ya bila malipo na yenye thamani kwa wote, Alhamdulillah.

Chunguza
Nyumbani
Redio ya Qur'ani
Wasomaji
Kutuhusu
Watengenezaji
Sasisho za Bidhaa
Maoni
Msaada
Changia
Miradi Yetu
Quran.com
Quran For Android
Quran iOS
QuranReflect.com
Quran.AI
Sunnah.com
Nuqayah.com
Legacy.Quran.com
Corpus.Quran.com
Miradi isiyo ya faida inayomilikiwa, kusimamiwa, au kufadhiliwa na Quran.Foundation
Viungo Maarufu
Dua kutoka Quran
Aya ya Quran ya Siku
Ayatul Kursi
Yaseen
Al Mulk
Ar-Rahman
Al Waqi'ah
Al Kahf
Al Muzzammil
Ramani ya tovutiFaraghaSheria na Masharti
© 2026 Quran.com. Haki Zote Zimehifadhiwa
Changia