Ingia
Ingia
Ingia
Chagua Lugha

Al-Ankabuut 29:47 وكذالك انزلنا اليك الكتاب فالذين اتيناهم الكتاب يومنون به ومن هاولاء من يومن به وما يجحد باياتنا الا الكافرون ٤٧

Ukurasa 402 · Juzuu 21

وَكَذَٰلِكَ
أَنزَلۡنَآ
إِلَيۡكَ
ٱلۡكِتَٰبَۚ
فَٱلَّذِينَ
ءَاتَيۡنَٰهُمُ
ٱلۡكِتَٰبَ
يُؤۡمِنُونَ
بِهِۦۖ
وَمِنۡ
هَٰٓؤُلَآءِ
مَن
يُؤۡمِنُ
بِهِۦۚ
وَمَا
يَجۡحَدُ
بِـَٔايَٰتِنَآ
إِلَّا
ٱلۡكَٰفِرُونَ
٤٧
Ntumwa y’Imana! Ni nk’uko nyene rero Twebwe Allah - Twamanuriye Intumwa zo hambere yawe Ibitabu - Twakumanuriye iki Gitabu ca Qor’ani gishimangira ukuri kuri muri vyo. Abo rero Twahaye Igitabu muri Bene Israyeli bakagitahura ukuri kwamye, baremera Qor’ani; no muri aba Barabu b’Abakorayishi no mu bandi bantu, harimwo abayemera; nta n’uwuhakana Qor’ani yivuye inyuma canke ngo agire amakenga mu vyemezo vyayo, kiretse abagarariji ruhebwa.
Endelea Kusoma

Soma Tafsir

Ibn Kathir (Abridged)

Evidence for the Fact that the Qur'an was revealed from Allah

Ibn Jarir said: "Allah says, `just as We revealed the Books to the Messengers who came before you, O Muhammad, so We have also revealed this Book to you."' What he said is good and fits the context. Allah's saying:

فَالَّذِينَ ءَاتَيْنَهُمُ

…

Evidence for the Fact that the Qur'an was revealed from Allah

Ibn Jarir said: "Allah says, `just as We revealed the Books to the Messengers who came be

…
Tazama Tafsir

Soma katika Muktadha

45. Ntumwa y’Imana! Soma ivyo wahishuriwe muri Qor’ani uheze ubigendere; utsimbataze n’isengesho rikwije ibisabwa ku mwanya waryo; mu vy’ukuri, itsimbatazwa ry’isengesho rikwije ibisabwa, rikingira umuntu kugwa mu bicumuro n’ivyaha; ni ukuri, itazira n’ininahazamana mw’isengesho no mu bindi bihe, rirahambaye cane gusumba vyose. Burya Imana Allah, Irazi neza ivyo mukora; vyaba vyiza canke bibi, Izobibahembera. 46. Bemeramana! Ntimugaharire n’abahawe Igitabu mu bayahudi n’abanaswara ku bijanye no kwemera, kiretse mukoresheje amajambo abereye n’impanuro nziza vyotuma bahurumbira ukuri, maze mugahanahana mu rupfasoni. Ariko ku birenganije muri bo mu guhonyanga ukuri bakabarwanya, abo muraheza mubivune mwivuye inyuma, mubarwanye canke batange ku nabi ku neza ikori basuzuguritse. Murababwira muti: “Twaremeye Qor’ani twamanuriwe, twemera na Tawurati n’Injili mwamanuriwe, Imana yacu n’Imana yanyu rero, ni Imwe Rurende Allah Itabangikanywa na kimwe mu bumana bwayo, mu bubungabunzi bw’ibiremwa, mu mazina hamwe n’amatazirano yayo, kandi na twe turicishije bugufi kuri Yo, turi abislamu”. 47. Ntumwa y’Imana! Ni nk’uko nyene rero Twebwe Allah - Twamanuriye Intumwa zo hambere yawe Ibitabu - Twakumanuriye iki Gitabu ca Qor’ani gishimangira ukuri kuri muri vyo. Abo rero Twahaye Igitabu muri Bene Israyeli bakagitahura ukuri kwamye, baremera Qor’ani; no muri aba Barabu b’Abakorayishi no mu bandi bantu, harimwo abayemera; nta n’uwuhakana Qor’ani yivuye inyuma canke ngo agire amakenga mu vyemezo vyayo, kiretse abagarariji ruhebwa. 48. Ntumwa y’Imana! No mu vyemeza ko uri Intumwa vy’ukuri, ni uko utigeze usoma igitabu canke ngo wandikishe iminwe yawe n’urudome na rumwe imbere yuko uhishurirwa Qor’ani. Iyo biba bitari ukwo, abahakanyi bari guheza bakagira amakenga ko Qor’ani wayize canke wayabuye mu Bitabu vyo hambere yawe. 49. Ahubwo rero Qor’ani, ni Aayah zitomoye zigaragaza ukuri, ziri mu mishaha y’abahawe ubumenyi, nta n’uwuhakana Qor’ani canke ngo agire amakenga mu vyemezo vyayo, kiretse abirenganije mu guhonyanga ukuri kandi bakuzi. 50. Ababangikanyamana bavuze ku kagagazo bati: “Mbega uyo Muhamadi, ntiyari gupfuma amanurirwa n’Imana yiwe Rurema Allah igitangaro gifadika cemeza ukuri kwiwe; nk’inkoni yahawe Musa, canke ingamiya yururukirijwe Swalehe!”. Ntumwa y’Imana! Babwire uti: “Ni ukuri, ubushobozi n’igihe co kumanurirako ibitangaro, ni ivy’Imana Allah. Ni ukuri jewe, ndi Umugabisha atomoye gusa ku bihano vyayo”. 51. Ntumwa y’Imana! Burya ababangikanyamana ku kuntu bakuzi ko uri imvugakuri, bari bakwiye kwemera mu vy’ukuri, ko Twakumanuriye Igitabu ca Qor’ani ubasomera! Mu vy’ukuri muri iyi Qor’ani harimwo impuhwe ku bemeramana, mu buzima bwo kw’isi no mu bw’inyuma yo gupfa; harimwo n’urwibutso rutuma bama bagavye.

- Kirundi Translation - Yusuf Gheti

Endelea Kusoma

Maelezo na Tafakari

Huna maelezo au tafakari yoyote kuhusu aya hii.

Notes placeholders

Endelea Kuungana na Qur'ani ❤️

Vikumbusho vifupi vyenye maana vinavyoweka upya maisha yako, kukusaidia kutafakari na kuendelea kushikamana na Qur'ani.

Soma, Sikiliza, Tafuta, na Tafakari Qur'ani

Quran.com ni jukwaa linaloaminika na linalotumiwa na mamilioni duniani kote kusoma, kutafuta, kusikiliza na kutafakari kuhusu Qur'ani katika lugha tofauti. Inatoa huduma za tarjuma, tafsiri, vikariri, tarjuma ya neno kwa neno, na zana za ufahamu wa kina, kuifanya Qur'ani ipatikane na kila mtu.

Kama mbinu ya Sadaqah Jariyah, Quran.com imejitolea kusaidia watu kuunganishwa kwa kina na Qur'ani. Ikiungwa mkono na Quran.Foundation , shirika lisilo la faida la 501(c)(3), Quran.com inaendelea kukua kama rasilimali ya bila malipo na yenye thamani kwa wote, Alhamdulillah.

Chunguza
Nyumbani
Redio ya Qur'ani
Wasomaji
Kutuhusu
Watengenezaji
Sasisho za Bidhaa
Maoni
Msaada
Changia
Miradi Yetu
Quran.com
Quran For Android
Quran iOS
QuranReflect.com
Quran.AI
Sunnah.com
Nuqayah.com
Legacy.Quran.com
Corpus.Quran.com
Miradi isiyo ya faida inayomilikiwa, kusimamiwa, au kufadhiliwa na Quran.Foundation
Viungo Maarufu
Dua kutoka Quran
Aya ya Quran ya Siku
Ayatul Kursi
Yaseen
Al Mulk
Ar-Rahman
Al Waqi'ah
Al Kahf
Al Muzzammil
Ramani ya tovutiFaraghaSheria na Masharti
© 2026 Quran.com. Haki Zote Zimehifadhiwa
Changia