Ingia
Ingia
Ingia
Chagua Lugha

Al-Ahzab 33:16 قل لن ينفعكم الفرار ان فررتم من الموت او القتل واذا لا تمتعون الا قليلا ١٦

Ukurasa 420 · Juzuu 21

قُل
لَّن
يَنفَعَكُمُ
ٱلۡفِرَارُ
إِن
فَرَرۡتُم
مِّنَ
ٱلۡمَوۡتِ
أَوِ
ٱلۡقَتۡلِ
وَإِذٗا
لَّا
تُمَتَّعُونَ
إِلَّا
قَلِيلٗا
١٦
Muvugishwamana! Bwira indyarya uti: “Ihunga ryanyu ry’urugamba ku mvo zo gutinya urupfu canke ukwicwa, ntirizotuma murenga umusi warwo hageze gupfa, kandi ntimuzoryoherwa n’ivy’isi, kiretse akanya gato mwagenewe kubaho hanyuma mupfe, ni n’akanya gato cane katogereranywa n’ubuzima bw’inyuma yo gupfa”.
reading-goal:continue-reading

Soma q-and-a.tafsir

Ibn Kathir (Abridged)

يَقُولُونَ إِنَّ بُيُوتَنَا عَوْرَةٌ وَمَا هِىَ بِعَوْرَةٍ إِن يُرِيدُونَ إِلاَّ فِرَاراً

("Truly, our homes lie open." And they lay not open. They but wished to flee.) If the enemy had entered upon them from every side of Al-Madinah and from every direction, then demanded that they become disbelieve

…
يَقُولُونَ إِنَّ بُيُوتَنَا عَوْرَةٌ وَمَا هِىَ بِعَوْرَةٍ إِن يُرِيدُونَ إِلاَّ فِرَاراً

("Truly, our homes lie open." And they lay not open. They but

…
Tazama tafsirs

Soma related-content

16. Muvugishwamana! Bwira indyarya uti: “Ihunga ryanyu ry’urugamba ku mvo zo gutinya urupfu canke ukwicwa, ntirizotuma murenga umusi warwo hageze gupfa, kandi ntimuzoryoherwa n’ivy’isi, kiretse akanya gato mwagenewe kubaho hanyuma mupfe, ni n’akanya gato cane katogereranywa n’ubuzima bw’inyuma yo gupfa”. 17. Muvugishwamana! Bwira indyarya uti: “Mbega ni nde yobakingira ku Mana Allah mu gihe Yoshaka ko mushikirwa n’ikibi, canke Igashaka ko mushikirwa n’iciza ku mpuhwe zayo!”. Muri ico gihe rero, indyarya nta muhagarikizi zoronka atari Imana Allah azikura mu bihano, eka nta n’umutabazi zoronka azikingira nya bihano. 18. Ni ukuri Imana Allah, Irazi muri mwebwe abarondera inyendamuvano yo kutaja ku rugamba rwo guharanira idini ryayo, Irazi n’ababesha benewabo ngo barwiyonjororeko bakababwira bati: “Enda nyabuna rero, nimwiyizire iwacu muve kuri Muhamadi, ntimuzojane na we ku rugamba ngo muhave muhasiga agatwe!”. Hamwe n’ukurondera abokwiyonjorora ku rugamba rero, ntibaja no ku rugamba, kiretse gake kabaho ku kwiyerekana no ku gutinya kumaramara; 19. Muzobamenyera rero ku kuba ari ingumyi, nta co bikura mu matungo ngo babahereze, ntibanitanga mu guharanira idini no mu kubereka urukundo ku kubera urwanko n’inzigo babafitiye, ku gukunda ivy’isi no ku kwanka gupfa. Iyo hageze guhangana ku rugamba, baratinya gupfa amaso akabakanukana, ukabona bakuraba, amaso yabo akarerembuza nk’uwuri ku mpfiro; urugamba rwamara guhera, imitima yabo igasubira mu nda, bakabaha akarimi kabi mu kubatyoza no mu kubandagaza, bakaba n’ingumyi zirangwa n’ishari n’akantu mu gihe co kugabangana iminyago. Abo rero, ntibaremera vy’ukuri, gutyo Imana Allah Iraheza Ikagira ibikorwa vyabo impfagusa, kandi ukugira ivyo bikorwa vyabo impfagusa, biroroshe ku Mana Allah. 20. Indyarya ku bugugu bwazo, zibaza ko ingabo ziyunze zaneshejwe ata n’urugamba rurinze kuba, ata ho zagiye, kandi zarataye urugamba zikomoka. Iyo rero nya ngabo zigaruka gutera i Madina, indyarya zari kwipfuza kuba ziri kumwe n’abantu baba mu micungararo y’i Madina, aho zari kubariza kure, ku nkuru z’ivyabashikiye ku rugamba; n'iyo vyari gushika zikaba ziri kumwe na mwe ku rugamba, ntizari gupfa zibafashije kurwana kiretse gake.

- Kirundi Translation - Yusuf Gheti

reading-goal:continue-reading

Maelezo na Tafakari

reflection-not-available

Notes placeholders

Endelea Kuungana na Qur'ani ❤️

Vikumbusho vifupi vyenye maana vinavyoweka upya maisha yako, kukusaidia kutafakari na kuendelea kushikamana na Qur'ani.

Soma, Sikiliza, Tafuta, na Tafakari Qur'ani

Quran.com ni jukwaa linaloaminika na linalotumiwa na mamilioni duniani kote kusoma, kutafuta, kusikiliza na kutafakari kuhusu Qur'ani katika lugha tofauti. Inatoa huduma za tarjuma, tafsiri, vikariri, tarjuma ya neno kwa neno, na zana za ufahamu wa kina, kuifanya Qur'ani ipatikane na kila mtu.

Kama mbinu ya Sadaqah Jariyah, Quran.com imejitolea kusaidia watu kuunganishwa kwa kina na Qur'ani. Ikiungwa mkono na Quran.Foundation , shirika lisilo la faida la 501(c)(3), Quran.com inaendelea kukua kama rasilimali ya bila malipo na yenye thamani kwa wote, Alhamdulillah.

Chunguza
Nyumbani
Redio ya Qur'ani
Wasomaji
Kutuhusu
Watengenezaji
Sasisho za Bidhaa
Maoni
Msaada
Changia
Miradi Yetu
Quran.com
Quran For Android
Quran iOS
QuranReflect.com
Quran.AI
Sunnah.com
Nuqayah.com
Legacy.Quran.com
Corpus.Quran.com
Miradi isiyo ya faida inayomilikiwa, kusimamiwa, au kufadhiliwa na Quran.Foundation
Viungo Maarufu
Dua kutoka Quran
Aya ya Quran ya Siku
Ayatul Kursi
Yaseen
Al Mulk
Ar-Rahman
Al Waqi'ah
Al Kahf
Al Muzzammil
Ramani ya tovutiFaraghaSheria na Masharti
© 2026 Quran.com. Haki Zote Zimehifadhiwa
Changia