Ibabarira ivyaha vy’abanyavyaha, Ikakira n’ukwigaya kw’abigaya; Igahana Igahasha abubahutse gukora ivyaha hanyuma ntibigaye, Nyenimpano ku baja bayo bayumvira, nta mana ibwirijwe gusengwa vy’ukuri atari Yo, ni kuri Yo rero ibiremwa vyose bizosubizwa ku musi w’iharurirwa, kugira Ihembe kimwe cose ku rugero rw’ibigikwiye.