Ntumwa y’Imana! Ni uko rero, si wewe ubaye uwa mbere, ntitwigeze Turungika hambere yawe, Umugabisha n’umwe ku bantu bo mu gacimbiri kanaka, kugira abagabishe ku bihano vyacu, kiretse ko abatewe iteka muri bo ryo kworoherwa mu buzima, baca bavuga bati: “Mu vy’ukuri twebwe, twasanze abavyeyi bacu bubahiriza iri dini; mu vy’ukuri rero, na twe twubahiriza iragi badusigiye”.