Ntumwa y’Imana! Nihagira uwugeramirwa mu babangikanyamana, ubuzima n’amatungo vyiwe bigahungabanywa maze akaguhungirako, uramuha ubuhungiro, maze umwakire kugira kamubere akaryo ko kwumva ukuri ku majambo y’Imana Allah ya Qor’ani; hanyuma yipfuje gusubira mu rwiwe, uramushikana mu mahoro n’umutekano nta ngere. Ivyo biri ukwo, kuko ababangikanyamana ari abantu badatahura ukuri ku vyerekeye ubwislamu.