Muvugishwamana! Iyo indyarya zishaka kujana na we ku rugamba, zari kurwitegurira bikwiye mu gutegekanya impamba n’igitwazi, ariko Imana Allah mu vyagezwe ntiyashimye ko mujana, Iraheza Iraziremereza zibwirwa ziti: “Nimusibe ku rugamba, mugume mu zanyu hamwe n’abarekuriwe kuzigumamwo1”.