Iniciar sesión
Iniciar sesión
Iniciar sesión
Seleccionar idioma

Ash-Shurá 42:43 ولمن صبر وغفر ان ذالك لمن عزم الامور ٤٣

Página 487 · Juz 25

وَلَمَن
صَبَرَ
وَغَفَرَ
إِنَّ
ذَٰلِكَ
لَمِنۡ
عَزۡمِ
ٱلۡأُمُورِ
٤٣
Ni ukuri, uwihanganiye ikibi akorewe, maze akababarira uwakimukoreye, mu vy’ukuri iryo babarira ryiwe, ni ukuri riri mu bintu bihambaye bishimwa n’Imana Allah.
reading-goal:continue-reading

Leer q-and-a.tafsir

Ibn Kathir (Abridged)

Forgiving or exacting Revenge on Wrongdoers

وَجَزَآءُ سَيِّئَةٍ سَيِّئَةٌ مِّثْلُهَا

(The recompense for an evil is an evil like thereof). This is like the Ayat:

فَمَنِ اعْتَدَى عَلَيْكُمْ فَاعْتَدُواْ عَلَيْهِ بِمِثْلِ مَا اعْتَدَى عَلَيْكُمْ

(Then whoever transgresses the prohibition against you, you

…

Forgiving or exacting Revenge on Wrongdoers

وَجَزَآءُ سَيِّئَةٍ سَيِّئَةٌ مِّثْلُهَا

(The recompense for an evil is an evil like thereof). This is like

…
Ver tafsirs

Leer related-content

30. Emwe bantu! Nta kiza kibashikira, haba mw’idini canke mu vy’isi, kiretse ko giterwa n’ivyaha hamwe n’ibicumuro mwebwe nyene mwakoze, kandi burya Imana Allah, Iranirengagiza mu kutabahanira vyinshi mu bicumuro vyanyu. 31. Kandi rero, mwebwe ntimwonanira Imana Allah ngo muronke aho muyihungira kw’isi. Nta n’umwe mworonka atari Imana Allah yobahagarikira akabatunganiriza ivyanyu, ntimworonka n'umuhagarikizi abakura mu bihano, eka mbere nta n’uwubatabara mu kubibakingira mworonka. 32. Biri no mu vyemezo vyerekana ubushobozi n’ububasha vy’Imana Allah, kubona ubwato bungana umusozi bugendera mw’ibahari; 33. Mu gihe rero Imana Allah Ituma bugendera mw’ibahari Yoshaka, Yohagarika umuyaga ubusunika, maze bukaguma aho buri, ntibushobore kugenda. Mu vy’ukuri mw’igendera ry’ubwato mw’ibahari n’ihagarara ryabwo mu gihe ata muyaga ubusunitse, ni ukuri harimwo ivyemezo vyerekana ubushobozi n’ububasha vy’Imana Allah, ku wihanganira ivyagezwe kuri we, agakora ivyiza akareka no gucumura mu bugamburutsi nta ngere, ashima inema n’impano vyayo; 34. Canke Yoshaka, Yotuma nya bwato butwarwa bukibira bitewe n’ivyaha vya bene bwo. Kandi burya Imana Allah, Iranirengagiza mu kutabahanira vyinshi mu bicumuro vyabo. 35. Abaharira mu bijanye na Aayah za Qor’ani n’ivyemezo vyerekana ko Imana Allah ari Imwe Rudende, nta buhungiro bafise bwo guhunga ibihano vy’Imana Allah. 36. Emwe bantu! Ivyo muronswa rero mu matungo n’abana, n’ibindi, ni ibihendamaso vyo kuryoherwa akanya gato gusa mu buzima bwo kw’isi; nayo ibiri ku Mana Allah mu nema zo mu Bwami bw’ijuru, ni vyo vyiza cane kandi vyamaho ku bemera Imana Allah n’Intumwa zayo, bakishimikiza ku Mana yabo Rurema Allah, bakayizera; 37. Na barya birinda gukora ivyaha rutura, bakirinda na canecane gukora ivyaha vy’agahomerabunwa; n’iyo bashavujwe n’uwubagiriye nabi, baratsinda ishavu bagaheza bakamubabarira ku bw’Imana Allah; 38. Na barya bumvira Imana yabo Rurema Allah, maze bakayisenga ari Imwe Rudende, bagatsimbataza ku mwanya amasengesho akwije ibisabwa; bashaka gukora ikintu ico ari co cose bakabanza guhanurana hagati yabo; no mu matungo Twabaronkeje baratanga ishikanwa-bwirizwa hamwe n’imperezwa, bagatanga no mu bindi bikorwa vy’igamburukiramana; 39. Na barya, iyo barenganijwe birwanako ata we badendereje ngo barenze urugezo rwo kwihora mu guhabuza agateka kabo; 40. Ingere y’ikibi, ni ikibi ku kindi, uwukoze ikibi akagihanirwa ku rugezo rw’ingere ku yindi; uwubabariye uwamukoreye ikibi na we akareka kwihora, maze nya kibi akakiguza ingere y’iciza ku bw’Imana Allah, uyo rero indishi yiwe ayizeye ku Mana Allah. Mu vy’ukuri Imana Allah, ntikunda namba abarenganya mu gusomborotsa abandi. 41. Ni ukuri, abirwanyeko mu guhabuza agateka kabo, maze bakihora inyuma yo kurenganywa, abo nta caha namba kiri kuri bo. 42. Mu vy’ukuri, icaha kiri kuri barya barenganya abandi mu kurenza urugezo rwo kwihora, maze bagatandukira n’ivyo batarekuriwe mu kugenzwa n’ubwononyi kw’isi. Abo, ni bo rero bagenewe ibihano bibabaza ku musi w’izuka. 43. Ni ukuri, uwihanganiye ikibi akorewe, maze akababarira uwakimukoreye, mu vy’ukuri iryo babarira ryiwe, ni ukuri riri mu bintu bihambaye bishimwa n’Imana Allah.

- Kirundi Translation - Yusuf Gheti

reading-goal:continue-reading

Notas y Reflexiones.

reflection-not-available

Notes placeholders

Mantente conectado al Corán ❤️

Breves recordatorios significativos para reconectar, reflexionar y mantenerse conectado con el Corán.

Lea, escuche, busque y reflexione sobre el Corán

Quran.com es una plataforma confiable utilizada por millones de personas en todo el mundo para leer, buscar, escuchar y reflexionar sobre el Corán en varios idiomas. Ofrece traducciones, tafsir, recitaciones, traducción palabra por palabra y herramientas para un estudio más profundo, haciendo que el Corán sea accesible para todos.

Como Sadaqah Jariyah, Quran.com se dedica a ayudar a las personas a conectar profundamente con el Corán. Con el apoyo de Quran.Foundation , una organización sin fines de lucro 501(c)(3), Quran.com continúa creciendo como un recurso gratuito y valioso para todos, Alhamdulillah.

Navegar
Inicio
Radio Coránica
Recitadores
Sobre nosotros
Desarrolladores
Actualizaciones de productos
Retroalimentación
Ayuda
Donar
Nuestros Proyectos
Quran.com
Quran For Android
Quran iOS
QuranReflect.com
Quran.AI
Sunnah.com
Nuqayah.com
Legacy.Quran.com
Corpus.Quran.com
Proyectos sin fines de lucro adquiridos, administrados o patrocinados por Quran.Foundation
Enlaces populares
Súplicas del Corán
Versículo del Corán del día
Ayatul Kursi
Yasin
Al Mulk
Ar-Rahman
Al Waqiah
Al-Kahf
Al Muzzammil
Mapa del sitio webPrivacidadTérminos y condiciones
© 2026 Quran.com. Reservados todos los derechos
Contribuir