Ni na Yo Ituma imvura igwa ivuye mu bicu izananye mu kirere, maze abantu bakabukura mu cibo inyuma y’aho bari bamaze kwihebura ko ijuru ryataze, Igaheza Igakwiragiza impuhwe zayo ku biremwa; ni Yo rero Muhagarikizi, Ibungabunga abaja bayo mu bugwaneza; Nyenugushimwa, Ishimirwa kw’itunganywa ry’ivyerekeye ibiremwa.