Iniciar sesión
Iniciar sesión
Iniciar sesión
Seleccionar idioma

Ash-Shurá 42:17 الله الذي انزل الكتاب بالحق والميزان وما يدريك لعل الساعة قريب ١٧

Página 485 · Juz 25

ٱللَّهُ
ٱلَّذِيٓ
أَنزَلَ
ٱلۡكِتَٰبَ
بِٱلۡحَقِّ
وَٱلۡمِيزَانَۗ
وَمَا
يُدۡرِيكَ
لَعَلَّ
ٱلسَّاعَةَ
قَرِيبٞ
١٧
Allah, ni Yo Mana Yamanuye vy’ukuri Igitabu ca Qor’ani, Imanura n’ibindi Bitabu, Imanura n’umunzane ari bwo butungane, kugira Icire abantu urugororotse. Ntumwa y’Imana! Mbega, ni igiki cogutuma umenya koko ko umuhero w’isi uri hafi gushika!
reading-goal:continue-reading

Leer q-and-a.tafsir

Ibn Kathir (Abridged)

A Warning to Those Who dispute concerning Matters of Religion

Here Allah warns those who try to hinder those who believe in Allah, from following His path.

وَالَّذِينَ يُحَآجُّونَ فِى اللَّهِ مِن بَعْدِ مَا اسَتُجِيبَ لَهُ

(And those who dispute concerning Allah, after it has been accepted,) means, tho

…

A Warning to Those Who dispute concerning Matters of Religion

Here Allah warns those who try to hinder those who believe in Allah, from following His p

…
Ver tafsirs

Leer related-content

10. Bantu! Ico muhazanyeko cose mu bijanye n’idini, ingingo y’ukuri kuri co iva ku Mana Allah mu Gitabu cayo no mu nyigisho z’Intumwa yayo (nyakugira amahoro n’impuhwe z’Imana Allah). Uyo Allah rero, ni Yo Mana yanje Rurema, ni kuri Yo nishimikiza nkayizera muri vyose, ni no kuri Yo ngaruka nkicisha bugufi; 11. Ni Yo Rutanguzandemo Yaremye amajuru n’isi, Yabagiriye abakenyezi baremwe mu nkomoko yanyu nyene, Ibagirira no mu bitungwa bibiribibiri: igitsina-gabo n’igitsina-gore, kugira mwabirane maze mugwirirane biciye mu kuvyara, nta na kimwe rero gisa canke gisusa n’Imana Allah mu kuntu Iteye, mu mazina yayo, mu matazirano yayo no mu bikorwa vyayo. Ni Yo rero Nyenukwumva, Irumva ivyo muvuga; Nyenukubona, Irabona neza ivyo mukora; 12. Rugaba w’amajuru n’isi; Igaba Ikaganza impfunguruzo z’ibigega vy’impuhwe n’ibibeshaho ibiremwa, Ihereza uwo Ishatse muri vyo umusesekara w’ibimubeshaho, Ikanagerera uwo Ishatse muri vyo; mu vy’ukuri Imana Allah, ni Nyenubumenyikurivyose, Irazi neza ibikorwa vy’ibiremwa. 13. Emwe bantu! Imana Allah Yabashingiye mw’idini ibwirizwa Yategetse Nuhu, akaba ari na ryo dini ry’ubwislamu Twebwe Allah Twaguhishuriye muri Qor’ani Ntumwa y’Imana, Turanariraga Ibrahimu, Musa na Isa; Turanabasaba mwese ko mutsimbataza idini rishingiye ku gusenga Imana Imwe Rudende Allah Itabangikanywa, maze mukaritsimbataza muticamwo imigwi. Irarikiramana ryanyu ryo gusenga Imana Imwe Rudende Allah, riraremera cane ababangikanyamana. Burya Imana Allah, Ihitamwo uwo Ishatse kugira abe Intumwa, Igashoboza kuyumvira uwugaruka kuri Yo akicisha bugufi. 14. Ababangikanyamana rero, ntibiciyemwo imigwimigwi, kiretse ko babigize ku kagagazo inyuma y’aho bashikiriwe n’ubumenyi hamwe n’ivyemezo vy’isengwa ry’Imana Imwe Rudende Allah. Ntumwa y’Imana! Iyo rero Imana yawe Rurema Allah Itaba Yaramaze gutanga isezerano ryo kudahonya abantu warungitsweko, mu kurindiriza ibihano vy’umwumwe wese mu buzima bw’inyuma yo gupfa, ni ukuri abagarariji muri bo bari guhanwa bagahona bose bakagoka, maze hagasigara abagororotsi gusa. Mu vy’ukuri, abatoranye Igitabu ca Tawurati n’Injili mu nyuma yabo, ni ukuri barafise amakenga mu kwemera kwabo, atuma bama bahazana kuri Qor’ani. 15. Ntumwa y’Imana! Ni kuri iryo dini ry’ubwislamu rero Imana Allah Yategetse Abavugishwamana, ukwiye kurarikira abantu ko barikurikira, uheze uritsimbatareko nk’uko wategetswe n’Imana Allah, kandi ntugakurikire namba ivyipfuzo vy’abafise amakenga mu kwemera, badatsimbataye kw’idini. Uraheza uvuge rero wemanga uti: “Naremeye Ibitabu vyose Imana Allah Yamanuriye Abavugishwamana; naranategetswe kubatunganiriza mu ngingo mfashe; Allah, ni Yo Mana yanje Ikaba n’Imana yanyu Rurema; tuzohemberwa ibikorwa vyiza twakoze, na mwe nyene muzohemberwa ibikorwa bibi mwakoze; nta n’impari canke urwanko rukwiye kuba hagati yacu inyuma y’aho ukuri kugaragariye; Imana Allah, Izotwegeranya ku musi w’izuka, kugira Iducire urugororotse mu vyo duhazanako mw’idini; n’amaherezo yacu rero ni kuri Yo, kugira Ihembere umwumwe wese ibikwiranye n’ivyo yakoze”. 16. Na barya baharira mu bijanye n’idini ry'ubwislamu, Imana Allah Yarungikanye Muhamadi (nyakugira amahoro n’impuhwe z’Imana Allah), inyuma y’aho abantu bamwumviye bakaryinjira, ivyitwazo n’iharira vyabo ku Mana yabo Rurema Allah, bizobabera impfagusa, Iheze Ibashavurire mu buzima bwo kw’isi; baranategekanirijwe n’ibihano bikaze vy’umuriro mu buzima bw’inyuma yo gupfa. 17. Allah, ni Yo Mana Yamanuye vy’ukuri Igitabu ca Qor’ani, Imanura n’ibindi Bitabu, Imanura n’umunzane ari bwo butungane, kugira Icire abantu urugororotse. Ntumwa y’Imana! Mbega, ni igiki cogutuma umenya koko ko umuhero w’isi uri hafi gushika! 18. Abatemera umuhero w’isi, ni bo bihutira gusaba ko ushika vuba bwango; nayo abawemera, baragira impungenge n’ubwoba ku muzo wawo, barazi n’uko ari ukuri, utegerezwa gushika. Bantu, nimwumve mwumvireho! Mu vy’ukuri, abaharira mu guhakana umuhero w’isi, bari mu muzimagiza uri kure cane y’ukuri. 19. Allah, ni Yo Mana Rumenyi-Rudahishwa, Irazi neza ibintu vy’ingirakamaro ku baja bayo; Ironsa uwo Ishaka muri bo ibimubeshaho, Ikanagerera uwo Ishatse muri bo, ni na Yo rero Nyeninguvu, Nyenintsinzi-Mutaneshwa.

- Kirundi Translation - Yusuf Gheti

reading-goal:continue-reading

Notas y Reflexiones.

reflection-not-available

Notes placeholders

Mantente conectado al Corán ❤️

Breves recordatorios significativos para reconectar, reflexionar y mantenerse conectado con el Corán.

Lea, escuche, busque y reflexione sobre el Corán

Quran.com es una plataforma confiable utilizada por millones de personas en todo el mundo para leer, buscar, escuchar y reflexionar sobre el Corán en varios idiomas. Ofrece traducciones, tafsir, recitaciones, traducción palabra por palabra y herramientas para un estudio más profundo, haciendo que el Corán sea accesible para todos.

Como Sadaqah Jariyah, Quran.com se dedica a ayudar a las personas a conectar profundamente con el Corán. Con el apoyo de Quran.Foundation , una organización sin fines de lucro 501(c)(3), Quran.com continúa creciendo como un recurso gratuito y valioso para todos, Alhamdulillah.

Navegar
Inicio
Radio Coránica
Recitadores
Sobre nosotros
Desarrolladores
Actualizaciones de productos
Retroalimentación
Ayuda
Donar
Nuestros Proyectos
Quran.com
Quran For Android
Quran iOS
QuranReflect.com
Quran.AI
Sunnah.com
Nuqayah.com
Legacy.Quran.com
Corpus.Quran.com
Proyectos sin fines de lucro adquiridos, administrados o patrocinados por Quran.Foundation
Enlaces populares
Súplicas del Corán
Versículo del Corán del día
Ayatul Kursi
Yasin
Al Mulk
Ar-Rahman
Al Waqiah
Al-Kahf
Al Muzzammil
Mapa del sitio webPrivacidadTérminos y condiciones
© 2026 Quran.com. Reservados todos los derechos
Contribuir