Uwo wese azoca kubiri n’Intumwa y’Imana (nyakugira amahoro n’impuhwe z’Imana Allah), inyuma y’aho amariye gutomokerwa n’ukuri, maze agakurikira inzira itari iy’abemeramana, Twebwe Allah Tuzoheza Tumurekere ku vyo yatumbereye, ntituzomushoboza kubona ukuri, Duheze Tunamwinjize mu muriro wa Jahannamu awote, ni na yo maherezo mabi cane.