Nihagira uwubacika mu bakenyezi banyu bemera agata idini, agashoka ahungira mu bagarariji, ntimuheze ngo musubizwe inkwano, maze mukaronka iminyago mumaze gutsinda ku rugamba, muraca muronsa abagabo babo ibingana n’inkwano batanze, muheze mutinye Imana Allah, muyigamburukire, Yo mwebwe mwemera.