Iryo teramazinda rya shetani rero, riba kugira Imana Allah Irigire ikigeragezo ku bantu bafise indwara y’uburyarya mu mutima, no ku barangwa n’agatimatare mu babangikanyamana batigera bikebuka. Mu vy’ukuri, abirenganije mw'ibangikanyamana, barangwa n’urwanko rwo guca kubiri n’Imana Allah hamwe n’Intumwa yayo, urwanko ruri kure cane y’ukuri;