Iniciar sesión
Iniciar sesión
Iniciar sesión
Seleccionar idioma

Al-Fát(h) 48:1 انا فتحنا لك فتحا مبينا ١

Página 511 · Juz 26

إِنَّا
فَتَحۡنَا
لَكَ
فَتۡحٗا
مُّبِينٗا
١
Ntumwa y’Imana! Mu vy’ukuri Twebwe Allah, Twaraguhaye intsinzi igaragara yo kunesha ababangikanyamana, igihe mutera igikumu ku masezerano yitiriwe “Al-Hudaybiyya1”;
reading-goal:continue-reading

Leer q-and-a.tafsir

Ibn Kathir (Abridged)

Which was revealed in Al-Madinah

The Merit of Surah Al-Fath

Imam Ahmad recorded from `Abdullah bin Mughaffal, who said that Allah's Messenger ﷺ recited Surah Al-Fath on the (day) of the conquest of Makkah, riding on his she-camel. He recited it in a vibrating and pleasant tone. Mu`awiyah (a subnarrato

…

Which was revealed in Al-Madinah

The Merit of Surah Al-Fath

Imam Ahmad recorded from `Abdullah bin Mughaffal, who said that Allah's Messenger ﷺ recited

…
Ver tafsirs

Leer related-content

1. Ntumwa y’Imana! Mu vy’ukuri Twebwe Allah, Twaraguhaye intsinzi igaragara yo kunesha ababangikanyamana, igihe mutera igikumu ku masezerano yitiriwe “Al-Hudaybiyya”; 2. Kugira Imana Allah Ikubabarire ivyaha vyawe wakoze n’ivyo utarakora, ku kubera ko idini rizosasagara inyuma y’ayo masezerano, no kugira rero Imana Allah Igukwirize inema yayo y’iganza ry’idini ryayo, Iheze Igutsimbataze mu burongozi bw’inzira igororotse; 3. No kugira kandi Imana Allah Igushikane ku ntsinzi ihambaye. 4. Imana Allah, ni Yo Yamanuye ituze mu mitima y’abemeramana umusi w’amasezerano ya Al-Hudaybiyya, maze baraturura, baratekana baratekanirwa, kugira bongererezwe ukwemera no gukurikira Intumwa ku kwemera no gukurikira Intumwa bari basanganwe. Burya Imana Allah, ni Yo Rugaba Igaba Ikaganza ingabo ziri mu majuru n’isi Iheza Igatabaza abemeramana. Burya Imana Allah, Yamye ari Nyenubumenyikurivyose, Intungane mu vyo Ikora; 5. Kugira Yinjize abemeramana n’abemeramanakazi mu mirima itotahaye yo mu Bwami bw’ijuru, musi y’ibiti n’inyubakwa vyabwo hatemba inzuzi, bazoyibamwo ibihe bidahera, Yongere Ibababarire ibicumuro vyabo maze Ivyirengagize ntibibahanire. Iyo ndishi rero bategekanirijwe ku Mana Allah, ni kwo gukira agahinda no gushika ku co bipfuza; 6. No kugira rero Ihane indyarya n’indyaryakazi, ababangikanyamana n’ababangikanyamanakazi biyumvira nabi Imana Allah, ko Idashoboye gutabara Intumwa yayo hamwe n’abemeramana bari kumwe na yo, bakanesha abansi babo, maze idini ryayo rigasasagara. Barakabona rero ibibi n’amagorwa vy’ubwoko bwose bibashavuza, baragashavurirwa n’Imana Allah, barakavumwa n’Imana Allah. Baranategekanirijwe n'umuriro wa Jahannamu, ni na yo maherezo mabi cane. 7. Imana Allah ni Yo Rugaba Igaba Ikaganza ingabo ziri mu majuru n’isi, Iheza Ikaziteza ingoga abemeramana. Burya Imana Allah, Yamye ari Nyenintsinzi-Mutaneshwa, Intungane mu vyo Ikora. 8. Ntumwa y’Imana! Mu vy’ukuri Twebwe Allah, Twakurungitse kugira ube icabona ku bo warungitsweko ko wabashikirije ubutumwa; ushikirize n’inkuru nziza ihumuriza uwukwumviye ko azohabwa Ubwami bw’ijuru; ugabishe n’uwugabitanye ko bitebe bitebuke, arindiriwe n’ibihano. 9. Bantu! Ivyo vyose rero, Twabigize kugira mwemere Imana Allah n’Intumwa yayo, muharanire n’intsinzi y’idini ry’Imana Allah, muheze mwubahe Imana Allah, mwongere muyininahaze muyitazire igitondo n’umugoroba. 10. Muvugishwamana! Mu vy’ukuri, abiyemeje kukwigura mu kurwana igihe mwari Al-Hudaybiyya, ni ukuri biyemeje kwihebera Imana Allah barondera gushimwa na Yo no guhabwa Ubwami bw’ijuru, ukuboko kw’Imana Allah kuri hejuru y’amaboko yabo, kuko Irumva ivyo bavuga, Irabona n’aho bari, Irazi n’ivyo bagaragaza hamwe n’ivyo bahisha mu mishaha. Uwisubiyeko agahemuka ku vyo yiyemeje rero, ni ukuri inkurikizi z’ukwo kwisubirako zizomugarukako we nyene; nayo uwushitsa ivyo yasezeraniye Imana Allah mu kwihangana ku rugamba rwo guharanira idini ryayo no gutabara Intumwa yayo, namenye ko Imana Allah Izomuha impembo ihambaye y’Ubwami bw’ijuru.

- Kirundi Translation - Yusuf Gheti

reading-goal:continue-reading

Notas y Reflexiones.

reflection-not-available

Notes placeholders

Mantente conectado al Corán ❤️

Breves recordatorios significativos para reconectar, reflexionar y mantenerse conectado con el Corán.

Lea, escuche, busque y reflexione sobre el Corán

Quran.com es una plataforma confiable utilizada por millones de personas en todo el mundo para leer, buscar, escuchar y reflexionar sobre el Corán en varios idiomas. Ofrece traducciones, tafsir, recitaciones, traducción palabra por palabra y herramientas para un estudio más profundo, haciendo que el Corán sea accesible para todos.

Como Sadaqah Jariyah, Quran.com se dedica a ayudar a las personas a conectar profundamente con el Corán. Con el apoyo de Quran.Foundation , una organización sin fines de lucro 501(c)(3), Quran.com continúa creciendo como un recurso gratuito y valioso para todos, Alhamdulillah.

Navegar
Inicio
Radio Coránica
Recitadores
Sobre nosotros
Desarrolladores
Actualizaciones de productos
Retroalimentación
Ayuda
Donar
Nuestros Proyectos
Quran.com
Quran For Android
Quran iOS
QuranReflect.com
Quran.AI
Sunnah.com
Nuqayah.com
Legacy.Quran.com
Corpus.Quran.com
Proyectos sin fines de lucro adquiridos, administrados o patrocinados por Quran.Foundation
Enlaces populares
Súplicas del Corán
Versículo del Corán del día
Ayatul Kursi
Yasin
Al Mulk
Ar-Rahman
Al Waqiah
Al-Kahf
Al Muzzammil
Mapa del sitio webPrivacidadTérminos y condiciones
© 2026 Quran.com. Reservados todos los derechos
Contribuir