Abazoba bari ku mpfiro muri mwebwe abagabo, bagapfa basize abakenyezi, barasiga baraze ko abakenyezi babo boguma baba mu nzu zabo umwaka wose atawubakomakoma, kuva umusi bapfiriyeko, mu ntumbero yo kubashumbusha. Nibazivamwo ku bushake bwabo imbere yuko uwo mwaka urangira, nta caha kuri mwebwe abasigwa mu vyo nya bapfakazi bakoze birekuwe. Burya Imana Allah ni Nyenintsinzi-Mutaneshwa, Intungane mu vyo Ikora1.