Abacinyijwe, bazoheza babwire abagize amanyama bakihambaza bati: “Ahubwo iturubika n’agacinyizo mwadukorera ijoro n’umurango, ni vyo vyatumye tugwa mu kaga, mwatubwiriza kugarariza Imana Allah no kuyibangikanya mu kuyisenga”. Umugwi wose rero muri iyo migwi yompi, uzokwiyorobeka mu guhisha ukwicuza kwawo igihe wabonye ibihano biwurindiriye. Tuzoheza rero Twebwe Allah Tubohe n’iminyororo mw’izosi abagararije. Ntibazohembwa mu buzima bw’inyuma yo gupfa kiretse ku vyo bakoze kw’isi.